Ikibazo c’imipanga : Ivyo CNDD-FDD yiganiye abamenyeshamakuru

Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2024, umugambwe CNDD-FDD wahavuye utunganya ca kiganiro itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” ryari ryavuze mu nkuru yaryo yo ku wa 8 Ndamukiza 2024. Benshi mu bamenyeshamakuru bararitswe gihutihuti ku muhingamo wo ku musi wa kabiri kugira ngo bazinduke bagana mu ntara ya Ngozi aho uwo mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wari umaze imisi ibiri mu nama ya komite nkuru yawo. Muri ico kiganiro, Révérien Ndikuriyo yishuye ibibazo bitandukanye bijanye n’ubuzima bw’igihugu harimwo ikijanye n’imipanga yavuzwe. (Le Mandat)

Ku kibazo c’imipanga yavuzwe mu gihugu, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo yaragarutse ku nkuru itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” ryari ryashikirije hamwe no kw’itangazo ryo kubangira.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yarishuye n’ibindi bibazo bijanye n’ingorane zihanze igihugu nk’uko itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” ryari ryavyanditse mu nkuru ijanye n’inama yari yahuje ibihangange muri CNDD-FDD.

Ibijanye no kunyuruza no kwica abanyagihugu

Ku kibazo kijanye n’abanyagihugu banyuruzwa, bakaburwa irengero canke bagatorwa ari ibiziga, Révérien Ndikuriyo yishuye ko biva ku matati asanzwe ari mu kibano. Uwo atwara umugambwe CNDD-FDD ntaco yavuze ku bijanye n’abanyagihugu bicwa n’abanyuruzwa n’inzego za Reta hamwe n’abakorana nazo, mu nyuma bakaburwa irengero canke bagatorwa ari ibiziga.

Ibiciro biguma biduga

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yatanze inyishu igomba gusa n’iyo yatanze mu kwezi kwa mbere kuri iyo ngorane y’ibiciro vy’ivyankenerwa biguma biduga ku masoko aho yari yavuze ko Abarundi batari bake banse kurima. Ku bwa Révérien Ndikuriyo, abarimyi ni bake, abaryi bakaba benshi.

Abahejeje amashure babura akazi

Révérien Ndikuriyo yavuze ko inyishu y’iyo ngorane iri mu vyo bapfunditse mu nama ya komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yo ku magenekerezo ya 22 na 23 Ndamukiza 2024. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ati ubwo bushomeri buzotorerwa umuti mu myaka iza mu migambi itandukanye harimwo uwo gutera amavoka mu gihugu cose.

Ifaranga ry’Uburundi rita agaciro

Uwutwara umugambwe CNDD-FDD asigura ko bihaye imyaka itatu kugira ngo iyo ngorane ive mu nzira. N’aho bamwe mu bahinga mu vy’ubutunzi babona ko ari ugusamaza abanyagihugu, Révérien Ndikuriyo avuga ko muri ico kiringo ibijanye no gushora hanze ikawa, ivoka n’umwavu bizoba vyafashe umurongo.

Uguhohotera iyindi migambwe

Ku kibazo kijanye n’uko umugambwe CNDD-FDD ushaka kuguma ari umugambwe umwe rudende mu gihugu, Révérien Ndikuriyo yishuye ko umugambwe arongoye utoreka kwakira abawugana. Révérien Ndikuriyo aca avuga ko umugambwe CNDD-FDD n’Abepiskopi ba Gatorika bakora cokimwe mu kurondera abanywanyi. Révérien Ndikuriyo ntiyavuze ibijanye n’uko uwo mugambwe uri ku butegetsi uhohotera iyindi migambwe.

Ibwirizwa rigenga amatora ritumvikanyweko na bose

Ku bwa Révérien Ndikuriyo, ntibishoboka ko ivyiyumviro vy’umwe wese bishirwa mu nteguro y’ibwirizwa rigenga amatora iheruka kwemezwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yashimikiye ku ngwati y’imiriyoni 100 isabwa uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu aho amenyesha ko ayo mafaranga atari menshi na gato.

Inkuru bijanye Ikibazo c’imipanga : CNDD-FDD izokwiganira iki abamenyeshamakuru inyuma y’inama yihuta ?

Muri ico kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku musozi Buye, muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi, Révérien Ndikuriyo yaravuze kandi ko komite nkuru y’umugambwe CNDD-FDD yapfunditse ko, imbere yo kuja muri kaminuza canke mu yindi mirimo, abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye bazobanza kuja mu nyigisho za gisirikare mu kiringo c’imyaka ibiri.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *