Abadandaza i Bujumbura : “Imana yacu si Bayali, tuzobaho.”

Uwu wa kane wari umusi wa nyuma wo kudandariza ku nkengera z’ibisigarira vy’isoko nkuru ya Bujumbura hamwe no mu mabarabara yo hagati mu gisagara ku bw’ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Général de Brigade de Police Jimmy Hatungimana asigura ko yafashe iyo ngingo ku mvo z’umutekano hamwe n’isuku rike rirangwa muri ivyo bibanza. Ariko bamwe mu badandaza basaba Reta y’Uburundi kwisubirako kuko batabona ingene bagiye kubaho mu gihe abandi badandaza basa n’abiyakiriye. (Le Mandat)

Benshi mu bo abamenyeshamakuru ba Le Mandat baganirije, bavuga ko iyo ngingo ataco bashobora kuyivugako kinini kubera ko ata bubasha bafise bwo kuyihindura. Umwe muri bo yavuze ati “Nta kundi, iyinizwe n’amata nta wundi mwerera.” Ariko, abo badandaza babonye abaporisi barenganye, baca baririmbira rimwe ngo “Imana yacu si Bayali, tuzobaho.”

Abo baporisi babwirwa bari mu bajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo y’umukuru w’igisagara kuri uwu wa gatanu. Abandi bajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo ku bwa Jimmy Hatungimana ni umuhanuzi wiwe ajejwe umutekano, musitanteri wa komine Mukaza, uwujejwe igiporisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’uwujejwe uruja n’uruza n’umutekano mu mabarabara.

Abandi biboneka ko bazoba bafise igikorwa co gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ni imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Kuri uwu wa kane, urwo rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi rwari rwitwaje ivyuma birungika amajwi kure, ruca aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura rugenda ruragabisha abo badandaza ko abatazokwubahiriza iyo ngingo bazokwibonerako.

Soma n’iyi Burundi : Ubwo imbonerakure zizokonywa inyuma yo gusubira guhabwa Motorora ?

Mu burengero bw’iyahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura, harabana na Posita n’inyubako bita Galerie Plaza hamwe no mu buseruko bwaho cane cane haruguru y’ahazwi kw’izina rya Le Grenier du Burundi niho harangurirwa cane urudandazwa kuko mu buraruko no mu bumanuko bw’ivyo bisigarira vy’isoko, hari ibituro vy’imiduga yunguruza abantu n’ibintu igana mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Kuri uwu wa kane, ivyariko birahadandarizwa ni inanasi, imicungwe, imyembe, amakaroti, imisoma, ibitunguru, indagara, ibiyoba, imikate, intore, uburobe, amasabuni, ibirato, impuzu, imiringa, n’ibindi.

Umwe mu badandaza impuzu, yasa n’uwiyakiriye, yaguma asemerera ahamagara abakiriya ati “Ndahombesha, ndahombesha, ejo ni urugendo rw’amahoro.”

Muri abo badandaza harimwo n’abakenyezi. Umwe muri abo bakenyezi yatakambiye umukuru w’igisagara ca Bujumbura amusaba ko yobareka bakabanya bacururiza muri ivyo bibanza kuko ngo bahirukanywe batabona ingene bazoshobora kubaho bagatunga n’imiryango yabo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *