Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora?

Twoguma ku butegetsi gute tutagiye turiba amatora? Ico ni ikibazo umugambwe CNDD-FDD woba uriko uragerageza kwishura mu gushinga imbibe nshasha z’intara mu gihugu. Impari ku vyavuye mu matora zimaze imyaka irenga cumi zibonekeza mu gihugu zoba arizo zitumye umugambwe uri ku butegetsi uhitamwo gushira mu ngiro bukebuke umukenyuro wiyumviriwe kuva ukiri umuhari w’abagwanyi. (Le Mandat)  

N’aho ugiye ahabona mu 2022, umukenyuro wo gushinga imbibe nshasha z’intara z’igihugu woba wari mu migambi ikomeye ya CNDD-FDD ikiri mw’ishamba. Francis Rohero, imbonerakure ya kera yari yegereye cane uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu, ni umwe mu baha ikibanza kinini uwo mugambi wo gushira hamwe intara zimwe zimwe, bikaba bigaragarira mu mugambi wo kwiyamamaza w’ishirahamwe Mouvement Orange arongoye. N’aho udashinga uburimbi bushasha bw’intara busa n’ubw’uwo yitoje nk’uwigenga mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020, umugambwe CNDD-FDD utegekanya, nka Francis Rohero, guhindura Uburundi bukagirwa n’intara 5 gusa nini mu kibanza c’intara 18 busanzwe bufise.

Amajwi azoharurwa kubiri mu 2025?    

Ku bw’amasoko yacu, umugambwe CNDD-FDD utegekanya gupima abanywanyi ufise mu 2025 utarinze kwiba amatora. Nico gituma uwo mugambwe wafashe ingingo yo gufata intara n’amakomine wibaza ko ufisemwo abanywanyi benshi ukazomeka ku ntara n’amakomine zirimwo abanywanyi benshi b’imigambwe itavuga rumwe nawo. Ivyo bibonekera mu nteguro y’ibwirizwa iheruka kuvugirwa mu nama nshikiranganji yo ku wa 15 Ruheshi ishinga intara nshasha zitanu zisubirira cumi n’umunani zari zihasanzwe arizo Bujumbura, Buhumuza, Gitega, Burunga na Butanyerera. Uwo mukenyuro, ufise intumbero y’uguhwamika imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD, utegekanya kandi ko amakomine agabanuka akaba 42 asubirira 119 yari ahasanzwe. N’aho ibizova muri ivyo bipimo vy’igitigiri c’abanywanyi bitazoshirwa ahabona, ngo bizofasha umugambwe CNDD-FDD kwirimbura kugira ngo umenye ingene “wipanze” uko imyaka izoza iriyongera. Mu kurindira ko abanywanyi bagwira bagakwiza igitigiri gikwiye, amasoko yacu avuga ko amatora azobandanya yibwa.

Amanyanga muri Rusansuma no mu ku ntonde z’Abazotora

Igitigiri c’abanyagihugu muri rusansuma yimirije kuba muri uwu mwaka w’2022 kizokwongerezwa gitandukane n’igitigiri c’ukuri, hakazokwongerezwa cane cane ic’abafise imyaka yo gutora hamwe n’abazoba bayishikanye mu 2025 ku bw’amasoko yacu. Ayo manyanga akazogirwa no mu gutunganya intonde z’abazotora zizogirwa n’umugwi w’igihugu CENI kubw’ayo masoko. Ivyo biharuro vy’umurengera binyuranye n’ukuri ngo nivyo bizoheza bigakoreshwa mu kwiba amatora mu mashini izokoranirizwamwo amajwi avuye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ivyo bitigiri nyene akaba arivyo ngo bizotangwa nk’insiguro ni hagira abiyamiriza amatora bazoba bazanye ibitigiri bimwe bimwe bizoba vyavuye mu tuzu tw’amatora. Ikindi ngo kizofasha umugambwe CNDD-FDD kwisigura imbere y’abarundi hamwe n’abanyamahanga ni igitigiri c’abanywanyi bawo bakwije imyaka yo gutora mu gihugu cose. Ku wa 7 Rusama, igihe yari arongoye ibirori vy’ukwakira abanywanyi bashasha muri komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yavuze ko uwo mugambwe uzogira rusansuma y’abanywanyi bawo imbere y’amatora yo mu 2025. Révérien Ndikuriyo yavuze ati: “Tugiye kubatuma, mu misi iza, kutubwira abagumyabanga bose mu mitumba, bose kuva mu nama shingiro, n’amazina yabo yanditse kugira ngo dutegure umwambaro w’abagumyabanga. Abagumyabanga, inyuma y’imyaka 20 bapanga igihugu, barakeneye kwambara neza, umwambaro w’iteka, bose, n’aho boba imiriyoni 5, bambare n’iteka. Tuzokorera rero ku bitigiri bazoduha, n’amazina ariko imbere. N’umuntu afise imyaka 14 canke 15 ukavuga uti uwu twamushizemwo kuko mu 2025 azoba akwije 18. Mukamushiramwo. Kugira dutegure kare. Tuzohimbaze imyaka 20 turiko turapanga igihugu dusa neza”. Ku bwa Révérien Ndikuriyo, amafaranga yo kugura uwo mwambaro azova mu bizokwimburwa mu mirima y’umugambwe iri ku mitumba mu gihugu cose.

Ingaruka nk’izo muri kahise?

Inyuma y’aho Agathon Rwasa ahakaniye ivyavuye mu matora ya mu 2020 akavuga ko nyabuna ariwe yari yatsinze, igihugu carahatswe gusubira kuja mu kaga. Ku bw’amasoko yacu, uruhande rumwe rw’abanywanyi ba CNL rwariko ruraheraheza imyiteguro yo kurwanya ubutegetsi rukoresheje ibirwanisho ariko abategetsi bo hejuru b’uwo mugambwe barahoyahoya ku munota wa nyuma, uwo mugambi uba upfuye gurtyo. Umwe mu bakurikiranira hafi ibibera mu Burundi avuga ko, kimwe mu coba catumye abategetsi bo hejuru ba CNL bisubirako kwoba ari ugutinya ingene inzira y’umuheto yobonwa na kimwe mu bihugu bifasha Uburundi cahaye uwo mugambwe amafaranga yo kwiyamamaza mu matora na rirya ico gihugu kiterekwa ingendo y’ugukoresha ingimba iyo hari ico utashimye. Baciwe intege na bamwe mu babarongoye hamwe n’amakenga bari bafise ku vyoshobora kubashikira, bamwe mu banywanyi ba CNL bahisemwo kuja mu muhari RED-Tabara nk’uko amasoko yacu abitumenyesha. Ayo masoko avuga kandi ko, mu bishwe mu nyuma hamwe n’abanyurujwe n’iperereza ry’Uburundi harimwo abanywanyi ba CNL bari bashigikiye kugwanira “intsinzi” yabo bakoresheje ibirwanisho. Ku bw’umwe mu bihweza poritike y’Uburundi, iyo ngendo y’ubutegetsi bwa CNDD-FDD yerekana ko uwo mugambwe wakenyeye kugira ngo igihugu gitwarwe “n’umugambwe umwe rudende” n’aho uwo mugambwe nyene uhanzwe n’amacakubiri y’intara.

Akarere kamwe, ikiringo kimwe?

Ku bw’umumenyeshamakuru yakurikiranye cane CNDD-FDD ikiri mw’ishamba, umugambwe CCM uri ku butegetsi muri Tanzaniya woba warahanuye abagumyabanga kugira umwe wese ikiringo kimwe mu kibanza c’ukurongora umugambwe hamwe no mu kibanza c’umukuru w’igihugu, nk’uko bari bavyumvikanye ukiri umuhari, kugira ngo bagume ku butegetsi bw’igihugu imyaka myinshi. Inyuma ya Hussein Radjabu w’i Muyinga mu Buraruko bushira Ubuseruko, umugambwe CNDD-FDD waciye urongorwa na Jérémie Ngendakumana w’i Muramvya Hagati mu gihugu, akwirikirwa na Pascal Nyabenda w’i Bubanza mu Buraruko bushira Uburengero, Evariste Ndayishimiye w’i Gitega Hagati mu gihugu, ubu uwuwutwara akaba ari Révérien Ndikuriyo wo mu Bumanuko bw’igihugu. Mu kibanza c’umukuru w’igihugu naho, inyuma ya Pierre Nkurunziza w’i Ngozi mu Buraruko, ubu igihugu kirongowe na Evariste Ndayishimiye w’i Gitega Hagati mu gihugu. N’aho ivy’ukwubahiriza ikiringo kimwe bisa n’ibitoroshe mu mugambwe, amasoko yacu avuga ko uwufise amahirwe menshi yo gusubirira Evariste Ndayishimiye ari Révérien Ndikuriyo w’i Makamba. Ingorane ihari gusa ni uko, mu mugambwe CNDD-FDD, ngo harimwo abazana impari zo kuvuga ko Révérien Ndikuriyo yamuka ahubwo muri komine Matana mu ntara ya Bururi. Bamwe mu bihangange vy’umugambwe CNDD-FDD nabo bakaba ngo batokwemera guha ikibanza c’umukuru w’igihugu uwuva muri iyo ntara yavuyemwo abakuru b’igihugu batumye bafata ibirwanisho.

Ivyiza vy’imbibe nshasha?

Reta ivuga ko ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rizofasha mw’ishirwa mu ngiro rya poritike y’igihugu ijanye n’ugukwiragiza ibikorwa vyayo mu bice bitandukanye vy’igihugu, abanyagihugu bagapfunyirizwa urugendo ntibame baja ku mirwa mikuru. Ikindi ngo ni uko Uburundi buriko bugerageza kuja ku murongo umwe n’ibindi bihugu vy’akarere mu bijanye n’itunganywa ry’intwaro. Uwo mugambi ngo uzofasha kandi mu kugabanya uburyo Reta iha amakomine, kugabanya uburyo amakomine akoresha hamwe no kwongereza amafaranga yinjira mu kigega ca Reta. Ibwirizwa rijanye n’iryo tunganywa rishasha ry’imbibe z’intara, amakomine, amazone, amakaritiye n’imitumba, ni ryaja mu ngiro, abakenguzamateka bazotegerezwa kugabanuka kugira ngo ibwirizwa shingiro ryubahirizwe. Bazoca baba 13 mu gihe ubu inama nkenguzamateka irimwo 39. Ba buramatari bazoca baba 5. Ku bw’amasoko yacu, umugambwe uri ku butegetsi utegekanya gushiraho ba buramatari 4 b’Abahutu n’umwe w’Umututsi, umwe muri bo ngo akazoba ari umukenyezi.

Inyuma y’amatora yo mu 2020, Agathon Rwasa yavuze ko no mu gisagara ca Bujumbura umugambwe CNDD-FDD wivye amatora n’aho ibiharuro vyavuye muri ayo matora vyashikirijwe n’umugwi CENI vyerekana ko umugambwe CNL urusha iyindi migambwe amajwi. Umukuru w’umugambwe CNL yariko arishura umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yaheruka gusaba abanywanyi bo mu gisagara ca Bujumbura kugira ubwira kugira bazoharonke amajwi menshi kurusha iyindi migambwe mu matora azokwirikira.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *