Icegeranyo gishasha c’Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakurikirana ikibazo c’umutekano muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo kivuga ko abarwanyi b’umuhari RED-Tabara n’aba FNL begereje ibirindiro vyabo ku misozi ihanamiye ahitwa Sange, hafi cane y’umupaka w’Uburundi. Nk’uko abo bahinga babivuga, iyo ngendo, ifatiwe hamwe n’ugukorana kw’iyo mihari na AFC/M23, Twirwaneho hamwe n’igisirikare c’Urwanda, vyatumye abategetsi b’Uburundi bagira amakenga mu bijanye n’umutekano. (Le Mandat)
Icegeranyo gisigura ingene imihari ibiri y’abarwanyi b’Abarundi, Résistance pour un État de droit au Burundi (RED-Tabara) na Forces Nationales de Libération (FNL), yagiye irushiriza gukorana n’ihuriro rigizwe na Alliance Fleuve Congo/Mouvement du 23 mars (AFC/M23), umuhari wa Twirwaneho hamwe n’igisirikare c’Urwanda (RDF), uko intambara ya AFC/M23 yagiye iratandukira intara ya Kivu y’Epfo.
Nk’uko abo bahinga babivuga, kuva mu 2023, imigwi ya RED-Tabara na FNL yamaze igihe igabwako ibitero n’igisirikare c’Uburundi (FDNB) gifadikanije n’igisirikare ca Kongo (FARDC).
Ugusubira kwimura ibirindiro inyumo yo kuva muri Uvira
Nk’uko kiri muri ico cegeranyo, AFC/M23 hamwe na RDF basubiye kwimura ibirindiro vyabo inyuma yo kuva mu gisagara ca Uvira.
Abo bahinga bavuga ko n’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zari zasavye, mu Nama y’Umutekano ya ONU, ko izo ngabo zosubira inyuma n’imiburiburi ku birometero 75 mu buraruko bwa Uvira, abo basirikare mu gusubira inyuma ntibarenze i Sange, hafi ku birometero 35 uvuye muri Uvira, aho AFC/M23 yashinze icicaro cayo muri Kivu y’Epfo.
Nk’uko abo bahinga babisigura, ingabo z’Urwanda hamwe na AFC/M23 ntibasubiye inyuma burundu ahubwo ngo baritunganije mu bundi buryo bwa gisirikare. Intumbero ngo yari iyo kuguma bafise ububasha bwo kugenzura ibibanza bikomeye bikikuje Uvira hamwe n’imisozi miremire ihanamiye ico gice kugira ngo bashobore kubandanya ibikorwa vya gisirikare.
Ico cegeranyo kivuga kandi ko umugwi umwe w’abasirikare b’Urwanda n’aba AFC/M23 warungitswe mu misozi miremire kugira ngo wongereze inguvu abarwanyi ba Twirwaneho na RED-Tabara, mu gihe abandi basirikare bitunganije gushasha mu bice bikikuje Uvira, Sange na Makobola.
Ibikorwa vya gisirikare vyaranguriwe mu runani
Nk’uko abo bahinga babivuga, RED-Tabara ifadikanije na FNL, AFC/M23, Twirwaneho na RDF baranguriye mu runani ibikorwa bitandukanye vya gisirikare vyabaye mu kiringo cizweko n’ico cegeranyo.
Abo bahinga bavuga ko urwo runani rwigaruriye ibibanza bikomeye biri mu bice vya Mwenga–Fizi, harimwo Point Zéro, Kanguli na Tuwe Tuwe, mu gihe rwabandanya ibikorwa vya gisirikare muri Minembwe no mu micungararo yaho hagati ya Nzero na Ruhuhuma 2026.
Icegeranyo kivuga kandi ko RED-Tabara yari isanganywe ibirindiro i Masango muri komine ya Uvira, hamwe n’i Magunda n’i Kipupu muri komine ya Mwenga.
N’aho indongozi za RED-Tabara zagumye zihakana ko zifitaniye imigenderanire na AFC/M23, abo bahinga bavuga ko abarwanyi b’uwo muhari bafadikanije urugamba na AFC/M23, Twirwaneho na RDF mu bice vyinshi harimwo Muranvia, Bijabo no mu nzira zigana i Minembwe.
Icegeranyo congera kikavuga ko abarwanyi ba FNL bari bari mw’ishamba rya Nyaburunda, muri komine ya Uvira, no mu misozi iri hafi ya Sange. I Magunda, ngo basangiye ibirindiro n’abarwanyi ba RED-Tabara.
RED-Tabara na FNL ngo barushiriza kwegera urubibe rw’Uburundi
Mu mpera za Ruhuhuma 2026, abarwanyi ba RED-Tabara na FNL ngo baragiye kwifadikanya n’ihuriro rigizwe na AFC/M23, RDF na Twirwaneho mu gace ka Kamombo, kari mu Misozi Miremire aho bita Hauts Plateaux.
Icegeranyo congera kivuga ko abandi barwanyi b’iyo mihari ya RED-Tabara na FNL bavuye mu turere twa Fizi, Uvira na Mwenga, baja ku misozi ihanamiye Sange, hafi cane y’urubibe rw’Uburundi.
Nk’uko abo bahinga babivuga, ukwegera kw’abo barwanyi ku rubibe, bifatiwe hamwe n’uruhara rwabo mu bikorwa vya gisirikare bakorana na AFC/M23 n’igisirikare c’Urwanda (RDF), bibandanya gutera impungenge abategetsi b’Uburundi, batinya ko iyo mihari yoshobora gukoreshwa mu guhungabanya umutekano w’igihugu.
Imbibe hagati y’Uburundi zarasubiye kwugurwa ariko umutekano uracungerewe cane
Icegeranyo gisigura ko ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi yo gusubira kwugurura imbibe ihana na Kongo iri mu ntumbero yo kugumiza ijisho kuri Uvira n’imicungararo yaho.
Inyuma y’aho AFC/M23 ifatiye Uvira muri Kigarama 2025, Uburundi bwarugaye imbibe buhana na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo kubera ko bwafata ko umutekano wari wabaye mubi.
Haheze indwi nkeyi AFC/M23 ivuye i Uvira, Uburundi bwarasubiye kwugurura izo mbibe ku wa 25 Ruhuhuma 2026, bivuye ku mvo z’ubutunzi, iz’ukworosha uruja n’uruza hamwe n’izijanye n’ibikorwa vya gisirikare.
Ariko rero, nk’uko abo bahinga babivuga, iyo ngingo ntisigura ko amakenga ku mutekano yari yagabanutse.
Ahubwo, bavuga ko hari mu ntumbero yo gutunganya bushasha ibijanye no gucungera izo mbibe, harimwo ukwongereza abasirikare, kugwiza ugukizura hamwe n’ugutsimbataza ibikorwa vyo gusuzuma abajabuka izo mbibe.
Ico cegeranyo kiravuga imyimenyerezo ya gisirikare yoba ibera mu Rwanda
Icegeranyo kivuga ko RED-Tabara imaze igihe ifitaniye imigenderanire n’Urwanda hamwe n’igisirikare caho (RDF).
Nk’uko abo bahinga babivuga, kwinjiza abarwanyi mu muhari RED-Tabara ngo vyarabandanije mu makambi y’impunzi yo mu Rwanda, cane cane mw’ikambi ya Mahama. Inyuma y’aho, abo barwanyi ngo bajanwa mu bigo vya gisirikare vya Gako, Gashora na Gabiro, aho ngo ico gihe baca bahabwa inyigisho za gisirikare.
Soma n’iyi Burundi : Seif Ntakamurenga, umunyagihugu yapfuye inyuma yo gukubitwa cane n’imbonerakure
