Itangazo rijanye n’inkuru y’imipanga yoba iriko iratangwa mu Burundi

Kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2024, uruganda rw’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” rwarashikirije inkuru ifise aya majambo y’umutwe “Imipanga yuzuye konteneri zine yazanywe mu Burundi gukora iki ?”.

Ariko, inyuma yo kurimbura bihagije iyo nkuru, uruganda rwacu rwasanze rwarihuse kuko ivyankenerwa vyose dusanzwe dukorerako kuri dosiye nk’iyo bitari bwakwire.

Ni co gituma dusavye ikigongwe bivuye ku mutima Abarundi n’abanyamahanga kubera ingaruka ziturutse kuri iyo nkuru zoba zarabaye.

Ibijanye n’iyo nkuru rero tubaye turabikura kuri uwu muhora wacu mu gihe tukibandanya amatohoza.

Ariko, uruganda rw’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” rwemereye abasomyi rwama ruha inkuru z’imvaho ko ruzogerageza uko rushoboye kugira ngo ikosa ryabaye ntirisubire.

 

Uruganda rwa Le Mandat

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *