Burundi : Abasirikare baguriwe ibirato bija mu kuguru kumwe

Ibirato vy’abasirikare batari bake bo mu Burundi birashaje. Bimwe vyaratabaguritse, ibindi vyarahengamye kubera guhera. Ingorane ihari muri kino gihe ni uko n’ibirato bishasha igisirikare c’Uburundi giheruka kugura basanze bija mu kuguru kumwe. (Le Mandat)

Amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse ni uko, mu mwaka w’2022, igisirikare c’Uburundi cahaye isoko umugwizatunga Adrien Ntigacika batazira Ziranotse ngo azane ibirato vy’abasirikare bita amabotine. Uwo mugwizatunga ngo yahawe imiriyaridi 15 z’amarundi. Amasoko yacu avuga ko Ntigacika yaciye atumako ivyo birato mu gihugu ca Qatar. Ingorane yahabaye ni uko, bagiye gupakurura amakonteneri vyajemwo, ngo basanze ibirato bikwiye ariko vyose ari ivy’ukuguru kw’i buryo.

Soma n’iyi Burundi : Abasirikare bidogera impuzu nshasha ziseruka

Igisirikare kironse iyo nkuru ngo caciye kibwira Adrien Ntigacika ko yogira uko ashoboye kwose kugira ngo abasirikare baronke umwambaro wabo mushasha w’ibirato imbere y’itariki 20 z’ukwezi kwa gatanu. Ariko ntivyakunze. Amasoko yacu avuga ko ico kibazo cahavuye gishikira umukuru w’igihugu c’Uburundi. Evariste Ndayishimiye aca ategeka ko ivyo birato biboneka imbere y’uko itariki 1 y’ukwezi kw’indwi igera. Ariko naho nyene ntivyakunze. Abasirikare bahimbaje imyaka 61 Uburundi bumaze bwikukiye batararonka ibirato vyabo bishasha. Umwe mu basirikare yatubwiye ati “ni akamaramaza, ehe raba abaporisi barashajije kuko baronse ibirato bishasha, ariko twebwe twambara ivyaheze.”

Mu ntango z’uku kwezi kw’indwi, igisirikare c’Uburundi caratumyeko Adrien Ntigacika batazira Ziranotse ngo yisigure. Ariko, gushika ubu, nta nyishu iratorwa kuko ku bw’amasoko yacu, muri Qatar, baranse ko ibirato bisubizwayo. Uwo mugwizatunga ngo vyaramushavuje, akaba atipfuza kugurira ibindi birato kuri abo badandaza barenze amasezerano. Adrien Ntigacika batazira Ziranotse yaciye asaba ko yopfuma asubiza imiriyaridi 15 yari yahawe ariko mu gisirikare baravyanse ngo bakeneye ibirato gusa.

Ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’igisirikare Floribert Biyereke hamwe n’umugwizatunga Adrien Ntigacika kugira tumenye ibitegekanywa kugira ngo abasirikare b’Uburundi bababa ibihumbi mirongo itatu baronswe ibirato bishasha.

Iyo ngorane y’ibirato yibonekeje mu gihe n’impuzu nshasha abasirikare baheruka guhabwa basanze ziseruka bazimeshe rimwe gusa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *