Burundi : 1 yarapfuye, 5 bacika amaguru, mu bacungera umushikiranganji wa mbere

Umusirikare 1 yarapfuye abandi 8 barakomerekera mw’isanganya abacungera umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca bagiriye muri zone Musaga iri muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura ku musi w’Imana igenekerezo rya 5 Ntwarante 2023. Amasoko yacu avuga ko muri abo 8 bakomeretse, harimwo 5 bacitse amaguru. Umusirikare yacikanye ngo bamuhamvye ku musi wa kane uheze. (Le Mandat)

Umusirikare yahambwe ku musi wa kane igenekerezo ry’9 Ntwarante bamutazira Ndadaye. Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” amenyesha ko umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika atigeze yitaba ivyo bikorwa vyo gushingura umusirikare yahora ari mu bamucungerera ubuzima. Ku bw’ayo masoko, uwo musirikare yatanguje umutwe hasi igihe yakoroka ku muduga bita pick-up wari mu yari iherekeje Gervais Ndirakobuca bamanukanye ibarabara bita Bujumbura-Jenda, umushikiranganji avuye mu nama mu ntara ya Bururi. Abaduhaye amakuru bibaza ko ari umuvuduko munini, izo pick-up uko zari zine zariko, watumye haba iryo sanganya zishitse aho ku Musaga. Uwo musirikare, yari asanzwe afashe ya nkoho iba iri hejuru ku muduga, amaze gukoroka, umushoferi w’iyo pick-up yari inyuma y’izindi ngo yaciye agira ubwoba arajugumba, imodoka itembagarira mu manga yubamye. Kiretse umushoferi abaganga bahisemwo guca ukuguru kw’i buryo gusa kubera ko kwari kwababaye cane, abandi basirikare bane mu bari muri iyo modoka bacitse amaguru yose. Abandi basirikare batatu basigaye nabo nyene barakomeretse cane. Abasirikare bose bari muri iyo pick-up bakaba bari icenda harimwo umushoferi.

Ayandi makuru twaronse ni uko abo basirikare bose bakomeretse bagiye kuvurirwa ku bitaro Tanganyika Care Polyclinic biri muri Kinanira ya 5. Bamwe muri abo basirikare bakomeretse bari muri bashasha baheruka kwongerwamwo mu bacungerera umutekano umushikiranganji wa mbere. Gervais Ndirakobuca akaba yaheruka kwirukana abarenga 70% mu bahora bamucungerera umutekano.

Inkuru bijanye Burundi : Umushikiranganji wa mbere yirukanye abamucungera imbere y’ugufata indege imujana muri Gabon

Inyuma y’iryo sanganya, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca n’umutambukanyi wiwe baciye baja mu Cibitoke mu musi mukuru w’ukwipfurizanya umwaka mushasha mwiza w’2023 n’izindi mvukira z’iyo ntara.

Abanyagihugu babonye ingene iryo sanganya ryagenze basaba ko abasirikare n’abaporisi bacungera inzego boza baragabanya umuvuduko iyo bari mu kazi kabo ka misi yose kuko kiretse ko bashobora kuhasiga ubuzima, bashobora n’ukugonga abanyagihugu basanze ku nkengera z’amabarabara.

2 thoughts on “Burundi : 1 yarapfuye, 5 bacika amaguru, mu bacungera umushikiranganji wa mbere”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *