Burundi : Ubwo “amasezerano” hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yasavye umupfungwa Alain Guillaume Bunyoni kwemera ivyo yagirizwa, agasaba ikigongwe, kugira ngo arekurwe. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aguma anana gushika ubu. Ariko, abakurikiranira hafi iyo dosiye babona ko uwo mupfungwa ariko arahendwa na burya ari we yahisemwo kuguma mu gihugu kandi yari yaronse ingene ahungira muri Kongo. (Le Mandat)

Igihe imiduga yari imuherekeje igana muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yasubira inyuma mw’ijoro ry’igenenekerezo rya 20 rishira irya 21 Ndamukiza, basigaje iminota mike ngo bashike ku rubibe, Jenerari Alain Guillaume Bunyoni niwe ubwiwe yatanze itegeko ryo guheba kuja muri ico gihugu. Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat avuga ko iyo ngingo ya Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yababaje umugwi w’abafise ipete rya Jenerari, na cane cane Jenerari Silas Ntigurirwa, bari bafashije guhuza izo mpande zibiri kuva imigenderanire hagati yiwe n’umukuru w’igihugu itanguye gutosekara cane.

Inkuru bijanye Burundi : Ingene Jenerari Bunyoni “yafashwe”.

Muri iki gihe Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ari mw’ibohero rikuru rya Ngozi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaratumye intumwa zimubwira ko yokwandika ikete ryo kwemera ivyo yagirizwa, akanasaba ikigongwe kugira ngo arekurwe. Bimwe mu vyo yagirizwa bikaba ari uguhungabanya umutekano w’igihugu kuko Evariste Ndayishimiye amwagiriza kugerageza kumutembagaza, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu, gutunga ibirwanisho arenze amategeko hamwe n’ugutyoza umukuru w’igihugu. Ku bw’amasoko yacu, uko uwo mukenyuro utunganijwe ni uko, Alain Guillaume Bunyoni amaze kwandika iryo kete bakarishikiriza umukuru w’igihugu, boca basigura ko uwo mupfungwa agwaye, akajanwa kwa muganga akamarayo imisi, mu nyuma, ubutungane bugaca bufata ingingo y’uko arekurwa ivy’imfatakibanza. Ico gihe, ubutungane ngo bwoca bufata ingingo y’uko yoza aritaba ataha igihe cose bumukenereye. Amasoko yacu yatubwiye ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yavyanse.

Ntaco vyari kuvamwo ?

Bamwe mu bakurikiranira hafi poritike y’Uburundi babona ko n’aho Alain Guillaume Bunyoni yokwemera kwandika iryo kete ryo gusaba ikigongwe ataco rizomufasha, ahubwo ko rizoca rija mu vyemeza ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atarira busema. Ku bw’abo basesanguzi, Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ntashobora kuva mu mvuto imbere y’uko amatora yo mu 2027 arangira kiretse habaye ikintu kidasanzwe.

Soma n’iyi Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora ?

Umukenyuro w’ikete ryo gusaba ikigongwe nk’iryo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ariko arasabwa kwandika uramaze gukoreshwa ku bagirizwa kugerageza guhirika ubutegetsi mu 2015. Biciye ku bahuza, harimwo abari barongoye amadini bamwe bamwe, izo ntwazangabo mu gisirikare no mu giporisi barandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ikete ryo gusaba ikigongwe haraheze imyaka irenga ibiri. Ico gihe bizezwa ko bashobora guca barekurwa ariko gushika ubu baracari mw’ibohero rikuru ry’i Gitega.

Clément Nkurunziza, yagirijwe kwica abanyeshure bo mu bwoko bw’abahutu mu 1995 muri kaminuza y’Uburundi, nawe nyene yoba yarandikiye umukuru w’igihugu ikete ryo gusaba ikigongwe. Gushika ubu aracari mu mvuto kuva afatwa ku wa 22 Ntwarante mu 2018. Amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse ni uko iryo kete rya Clément Nkurunziza, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yoba yaciye ariha umugwi w’ukuri n’ukunywanisha CVR urishira mu bindi “vyemezo”.

2 thoughts on “Burundi : Ubwo “amasezerano” hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?”

  1. Kwandika iryo kete yoba yitaye mugatego.je naho atawe nshigikiy muri bose, imbere y’amategeko coba kibaye icemezo sindamusiga.aho rero yopfungwa uwo Hussein Radjabu yasize😂😂😂🇧🇮🇧🇮🙈🙈

  2. Perezida wigihugu abumwe ntabwo igihugu cyagira aba Perezida babiri. Byumwihariko Mr. Bunyoni imyitwarire yiwe mubijyanye na politics ntiyari myiza abahanga muvya politics barabibona ko yasa nkaho umenga atagishaka kumva ko Mr. Everiste ari peresida wigihugu.

    Ikindi nuko kugirango habeho impinduka zigamije gutezimbere igihugu umuku wigihugu agomba kwigizayo cyangwa agakuraho uwariwe wese atumva kimwe imigambi ya peresida yogusubiza igihugu kumurongo witerambere.
    Hagomba kubaho impinduka mumyitwarire yabayobozi bigihugu uburyo bakorana n’umukuru wigihugu ndetse nukuntu bubahiriza imirimo bashinzwe. Peresida afite uburenganzira bwogukura, gufunga umuyobozi uwariwe wese adakora akazi ashinzwe nkuko bikwiye.

    Barundi Barundikazi mushyire hamwe mwubake igihugu cyanyu nicyiza ejo hazaza niheza. Mushyigikire ibikorwa bitezimbere igihugu cyanyu kugirango muzashyike kumajyambere mwifuza mwese.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *