Ikibazo c’imipanga : CNDD-FDD izokwiganira iki abamenyeshamakuru inyuma y’inama yihuta ?

Ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2024, haratumweko inama yihuta kugira higwe cane cane ikibazo c’inkuru y’imipanga yashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru « Le Mandat ». Izindi ngorane zisanzwe ziri mu mugambwe CNDD-FDD no mu gihugu nazo nyene baraziciye ku mayange muri iyo nama yitabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, ikagirishwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi. (Le Mandat)

Révérien Ndikuriyo niwe yagirishije iyo nama yari yitabwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, abategetsi bo hejuru bo mu bushikiranganji butandukanye, abarongoye inama nshingamateka, abarongoye inama nkenguzamateka hamwe n’abategetsi bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Mu vyo yatanguriyeko kuvuga, Révérien Ndikuriyo yabwiye abari mu nama ko ikinyamakuru “Le Mandat” gihabwa amakuru amwe amwe na bamwe mu bategetsi bo muri CNDD-FDD. Yongerako ati “mbere muzonatangara musanze abatanga amakuru bari muri twebwe”. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ababwira kandi ko yahamagawe n’umumenyeshamakuru wo mu kinyamakuru “Le Mandat” amubaza ikibazo c’imipanga.

Gélase Daniel Ndabirabe yasa n’uwushavuye

Uwurongoye inama nshingamateka yavuze ko hari ibintu bikorerwa mu mugambwe bihishijwe, mugabo iyo bimenyekanye bikabagirako ingaruka. Gélase Daniel Ndabirabe ati “Ba mutubwira. Ni vyaba bihari, ko mutabitubwiye ?” Révérien Ndikuriyo yamwishuye ko mu gisoda batavuga vyose. Gélase Daniel Ndabirabe yaciye asaba ko hotunganywa ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Kuri ico kibazo c’imipanga, ikinyamakuru “Le Mandat” cavuze ko iriko irahabwa imbonerakure mu mihingo itandukanye y’igihugu, abari mu nama baciye bapfundika ko umugambwe CNDD-FDD utegerezwa guhamagara abamenyeshamakuru ukisigura.

Muri iyi ndwi

Ni batahindura ivyo bapfunditse, abari muri iyo nama bumvikanye ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo azotumako abamenyeshamakuru mu misi iza imbere y’uko iyi ndwi turimwo irangira. Abari muri iyo nama bumvikanye ko ico kiganiro umugambwe CNDD-FDD uzotunganya ku bamenyeshamakuru kizokwitirirwa ico gushikiriza aho uwo mugambwe uhagaze ku bibazo bitandukanye bihanze igihugu. Abari mu nama baca basaba ko umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD “ategekanya inyishu z’ico kibazo c’imipanga kuko kitazoburamwo mu vyo abamenyeshamakuru bazobaza”.

Ibindi vyizwe

Muri iyo nama yihuta yo ku rwego rwo hejuru rw’igihugu, uwurongoye inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera yasabwe kudasubira gukarira abashikiranganji baba batumweko kwishura ibibazo mu nama nkenguzamateka. Ingorane y’imbonerakure zifitaniye amasezerano n’umugambwe CNDD-FDD ariko zimaze amezi 18 zidahembwa nayo nyene yaravugiwe muri iyo nama n’aho itatorewe umuti.

Soma n’iyi Imipanga yuzuye konteneri zine yazanywe mu Burundi gukora iki ?

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaje acerewe muri iyo nama, yongera agenda itarahera. Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” amenyesha ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarinze agenda ata jambo na rimwe avugiye muri iyo nama idasanzwe yari ishimikiye ku nkuru y’imipanga iriko ihabwa urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *