Abahinga ba ONU : Intambara yo muri Kongo itera uruhagarara mu kirere ca Bujumbura

Nk’uko biri mu cegeranyo giheruka c’Umugwi w’Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, amashirahamwe menshi y’indege akorera kw’isi yamenyesheje ko hibonekeza uguhungabanywa kw’indege biciye ku mihora ya satelite mu kirere c’Uburundi. Reta ya Gitega ivuga ko ivyo biterwa n’igihugu kibanyi itadomako urutoke. Mu gihe ingabo z’Uburundi zifadikanije n’iza Kongo (FARDC) mu rugamba rwo kurwanya M23 n’abayifasha, ikirere c’Uburundi na co nyene kiriko kirashikirwa n’ingaruka z’iyo ntambara ibera hakurya y’urubibe. (Le Mandat)

Indege ya Kenya Airways ntiyabona aho igeze iri mu kirere ca Bujumbura

Ku wa 13 Nzero 2026, indege yo mu bwoko bwa Boeing 737 ya Kenya Airways, yagira urugendo rwa Nairobi–Bujumbura n’urwo gusubira inyuma, yaragize ingorane ikomeye, biranka ko ibona aho igeze, iciye ku bigendajuru bita satelite.

Nk’uko biri rwandiko Kenya Airways yarungikiye Ikigo kijejwe ivy’indege mu Burundi (Autorité de l’Aviation Civile du Burundi), iyo ndege yahuye n’ihungabanywa ry’umuhora wa GPS igihe yariko iramanuka no mu gihe yariko irahaguruka ku kibuga mpuzamakungu Melchior Ndadaye i Bujumbura.

Ibikoresho vy’abatwara indege vyaciye vyerekana ubutumwa bumenyesha ko amakuru ya GPS atari akiri ayizigirwa, bituma abakoresha iyo ndege bakurikiza ingingo zihutirwa zitegekanywa mu bihe bidasanzwe kandi bamenyesha abagenzura uruja n’uruza rw’indege.

Muri ico cegeranyo harimwo ifoto y’igikoresho c’indege citwa Flight Management System Control Display Unit (FMS CDU) yafashwe muri ico gihe. Kuri iyo foto haraboneka ubutumwa bugira buti “Position uncertain”, bisigura “Aho indege iri ntihazwi neza”) mu gihe iyo ndege nyene yariko yitegurira kugwa i Bujumbura.

Reta ya Gitega yituye OACI

Kubera ko izo ngorane zarushirije kwiyongera, ikigo kijejwe ivy’indege mu Burundi candikiye ku wa 20 Nzero 2026 Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Ivy’Indege (OACI) rifise icicaro i Montréal muri Canada.

Muri iyo kete, ico kigo kivuga ko kuva ku wa 19 Gitugutu 2025, hamaze kwibonekeza akatari gake ihungabanywa ry’ibikoresho vy’indege bifasha mu kuyiyobora mu kirere c’Uburundi. Nk’uko abategetsi b’Uburundi babivuga, ivyo bihungabanya ikirere biva ku butaka bw’igihugu kibanyi kandi bishobora gushira mu kaga ingendo mpuzamakungu z’indege.

Iyo kete, ryari riherekejwe n’icegeranyo c’ivyashikiye indege ya Kenya Airways, ryasaba ko hakorwa itohoza ry’ubuhinga n’uko hofatwa ingingo zo guhagarika ivyo ikigo kijejwe indege mu Burundi cise ibikorwa vyo guhungabanya n’ibigirankana umutekano w’indege n’abazirimwo.

Soma n’ibi Icegeranyo c’Abahinga ba ONU : Ukwegera kw’ibirindiro vya RED-Tabara na FNL hafi y’urubibe rw’Uburundi vyongereje impungenge za Reta

Mu nyishu yatanze ku wa 30 Nzero 2026, umuyobozi wa OACI ajejwe akarere ka Afrika y’ubuseruko n’iyo mu bumanuko yavuze ko iryo shirahamwe risangiye amakenga yashikirijwe n’abategetsi b’Uburundi. Yibukije ko OACI rimaze imyaka rikurikirana ukwiyongera kw’ihungabanywa n’uguhuvya imihora mpuzamakungu yo kwiyobora hakoreshejwe satelite.

Ariko rero, iyo ndongozi yasiguye ko ishirahamwe OACI ridafise ububasha bwo gukora iryo tohoza ry’ubuhinga ryasabwe, kuko ngo ibibazo vy’ihungabanywa ry’imihora njabukambibe vyega urundi rwego rukorana n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Itumatumanako (ITU). Ishirahamwe OACI ryarashimye kandi ingene abategetsi b’Uburundi baciye basohora ningoga itangazo rigenewe abakorera muri ico gisata c’uruja n’uruza rw’indege, ariko rica ryibutsa ko ibihugu bitegerezwa kugira ubundi buhinga bwihuta vyikorako mu kuyobora indege mu gihe ubuhinga bwa satelite bwahuye n’ingorane.

Amaterefone ari i Bujumbura, yerekana ko ari i Kongo

Izo ngorane ntizigarukira ku ndege gusa. Abahinga ba ONU bavuga ko na bo nyene ubwabo bavyiboneye igihe bari mu butumwa bw’akazi i Bujumbura.

Aho ku murwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi, amaterefone menshi bari bafise yerekana ko bari i Sange, muri Kivu y’Epfo muri Kongo, hakurya y’ikiyaga Tanganyika.

Nk’uko abo bahinga babivuga, ico kibazo cabonetse ku bikoresho vyinshi icarimwe kandi ngo gisa n’ikijanye n’ihungabanywa ry’imihora ya satelite muri ako karere.

Indege y’Abaholande na yo nyene yarahuye n’iyo ngorane

Abahinga bavuga ko izo ngorane zibonekeje no ku ndege KL537 ya KLM, yari ivuye Amsterdam igana i Kigali.

Amakuru yarondewe baciye ku muhora Flightradar24 yerekanye itandukaniro rinini hagati y’uburebure iyo ndege yariko bupimwe n’ubuhinga bwa barometric n’uburebure bupimwe n’ubuhinga bwa GPS mu gihe yariko irarengana igeze mu buseruko bwa Kongo hafi y’urubibe rw’igihugu c’Urwanda.

Nk’uko biri muri ico cegeranyo c’abahinga, iryo tandukaniro ngo ni ikimenyetso gishobora kwerekana uguhungabanywa kw’amakuru ya satelite akoreshwa mu gukurikirana ingendo z’indege.

Izo ngorane si nshasha

Nk’uko biri muri ico cegeranyo, izo ngorane ntizitanguye ubu.

Mu cegeranyo cabo co mu 2024 kijanye na Kongo nyene, abo bahinga berekana ko bari baranditse ibikorwa vyinshi vy’ihungabanywa ry’imihora iyobora ivyuma harimwo GPS vyabaye hagati y’impera z’ukwezi kwa Rusama n’intango ya Myandagaro mu 2024. Ico gihe ngo vyagize ingaruka ku ndege za ONU, izitwara imfashanyo z’ubutabazi, iz’ubudandaji hamwe n’indege zitagira abadereva zakorera hafi y’ibibanza vyagenzurwa na M23 hamwe n’Ingabo z’Urwanda (RDF).

Abahinga bavuga ko ibikoresho bibiri vy’uguhungabanya iyo mihora vyabonetse ku butaka bw’Urwanda, mu gihe ikindi cabonetse ahitwa Kanyabayonga, muri Kivu yo mu buraruko, haciye igihe gito ako karere gafashwe n’urunani M23-RDF.

Ico cegeranyo nyene kiravuga n’isanganya ry’indege itagira umudereva ya MONUSCO ku wa 29 Gitugutu 2024, inyuma y’aho umuhora wa GPS wayo uhungabanijwe iri hejuru y’ahariko habera indwano. Imisi mike imbere yaho, ku bw’ico cegeranyo nyene, hari habonetse ibikoresho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere vyakoreshwa n’igisirikare c’Urwanda hafi y’ahitwa Karuba, mu karere ka Masisi.

Abo bahinga ba ONU basigura rero ko gukoresha ubwo buryo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe no guhungabanya canke guhuvya imihora ikoreshwa n’ivyuma biri mu kirere biha M23 na RDF akarusho gakomeye mu bikorwa vya gisirikare.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *