Burundi : Imbonerakure zajanywe kwiba inzahabu muri Kongo zarahenzwe

Kuva mu ntango z’ukwezi kw’icumi na kabiri, zimwe mu mbonerakure zari zajanywe kwiba ubutare mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko iri mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo ziriko ziratahuka mu Burundi. Ariko, izo mbonerakure, ziva mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, ntizahembwe amafaranga zari zemerewe. (Le Mandat)

Izo mbonerakure ziheruka gutahuka zari zimaze amezi atandatu muri Kivu y’Epfo. Itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaramenye ko imbonerakure 20 zajabukiye ku ruzi Rusizi ku musi wa kane igenekerezo rya 2 kigarama mu 2023.  Ruherekejwe n’abasirikare b’Uburundi gushika ku ruzi Rusizi, urwo rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rwajabukiye ku mutumba Kaburantwa uri muri komine Buganda mu ntara ya Cibitoke imbere yo gusubira mu makomine rwaje ruvamwo. Muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, izo mbonerakure zambara impuzu za gisirikare, zigahabwa n’inkoho. Mu kuja kwimba ubutare, zigenda ziherekejwe n’abasirikare b’Uburundi basanzwe bari mu bice bitandukanye vyo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Ubutare, izo mbonerakure zishoboye gucukura,  zica zibuha abo basirikare. Ayandi makuru twaronse ni uko izo mbonerakure zigaburirwa rimwe ku musi.

Amadorari 500 ku kwezi ntayo zahawe

Mu kuja muri ivyo bikorwa vyo kwiba ubutare muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, imbonerakure imwe imwe yari yemerewe guhembwa amadorari 500 ku kwezi. Ariko, izo mbonerakure, uretse ko zarya ingunga imwe, zarinze ziherekezwa kuri Rusizi ata n’urumeya zihawe. Amasoko yacu atubwira ko, zigira zijabuke Rusizi zisubira mu Burundi, ariho imwe imwe muri izo mbonerakure yahawe amadorari 200.

Ababonye Pascal na Ezéchiel bahoze bashona ibirato hamwe n’uwo batazira Tuyi yahoze yikorera imizigo bagarutse mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko bari bonze cane ugereranije n’ingene bagiye bameze. Izo mbonerakure zikaba ari zimwe mu zagondojwe na Jean Marie Manirakiza, umukozi w’iperereza wo mu gisagara ca Bujumbura asanzwe aba muri zone Cibitoke, kugira zemere kuja gufasha abasirikare b’abarundi kwiba inzahabu mu ntara ya Kivu yo mu Bumanuko. Imbonerakure zimwe zimwe zishoboye kugaruka amarembe mu gihugu ziriruhutsa kuko hari izipfira muri Kongo zihitanywe n’amasoro canke n’indwara.

Soma n’iyi Burundi : Ubwo imbonerakure zizokonywa inyuma y’ugusubira guhabwa Motorora ?

N’aho, zimaze kujabuka Rusizi zica zihabwa impuzu za gisirikare n’inkoho, nyinshi, muri izo mbonerakure zimaze igihe zijanwa kwimba ubutare muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, ntizizi kurasa. Nyinshi muri zo ziba zigishijwe gusa ibijanye n’ugutambuka gisirikare.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *