Burundi : Umukuru w’igihugu Ndayishimiye buca ategeka Umurundi wese kutarenza umwana umwe?

Igwirirana ry’abantu mu Burundi ni ikibazo Evariste Ndayishimiye amaze amezi arenga atandatu agarukako. Ku bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, inyuma ya rusansuma, hategerezwa gufatwa ingingo ruhasha zizotuma uwo murindi w’Abarundi wo kwibaruka ugabanuka. Evariste Ndayishimiye afata ko igitigiri c’abanyagihugu “Imana” yatagekanije ko bazoba mu Burundi camaze kurenga. (Le Mandat)

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agereranya Uburundi n’ikaziye y’amafanta, Abarundi nabo akabagereranya n’amacupa. “Ufise dufate ikarato y’amafanta yagenewe amacupa y’amafanta 24. Fata amacupa 50 uyashire muri iyo karato akwirweyo ndabe.” Mu kiganiro co kurangiza umwaka yagiranye n’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu ku wa 30 kigarama 2022, Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ati “Imana ikirema Uburundi, yari izi abantu bazobukwira. None twaramaze kuburengera. Twararengeye Uburundi ubu.” Ku bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi, igwirirana ry’abantu niryo rituma hibonekeza amatati y’amatongo n’ayo mu miryango. Evariste Ndayishimiye abona ko bamwe mu Barundi bavyara abo badashoboye kurera. “Umuvyeyi aravyara abana 10, hageze kuja ku mashure, akaja kuririra umuntu, ngo mfasha abana ndabajane kw’ishure. Igihe wabavyara ntiwamubwiye ngo abe aratunganya umugambi wo kuzobafasha mugabo uriko ukwega ingorane mu gihugu.”

Itegeko ryo kuvyara umwana umwe rudende?

Evariste Ndayishimiye asaba Abarundi kwitegurira ingingo zikomeye zijanye n’imvyaro zizofatwa inyuma ya rusansuma y’abanyagihugu bose. Igihe yavuga iyo ngorane y’igwirirana ry’abantu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru mu kwezi kwa Rusama 2022, Evariste Ndayishimiye yasa n’uwutinya ingene Abarundi bazovyakira. Ico gihe, umukuru w’igihugu yasavye abamenyeshamakuru gukora bagakovya kugira ngo abanyagihugu bategere uwo mugambi. “Erega tuvyumva kumwe nta bazokoma induru ngo wafashe ingingo ikomeye. Mugabo, tutavyumva kumwe, niho uca wumva ngo urumva ngo urumva.” Ntituramenya isano riri hagati y’ingingo zizofatirwa Abarundi n’izafatiwe Abashinwa ariko ico gihe muri Rusama, Evariste Ndayishimiye yatanze akarorero k’ingingo yamaze imyaka 35 yategeka Abashinwa kuvyara umwana umwe rudende. “Abashinwa bararwanye, ubu basubiye kwemera y’uko uwavutse ari umwe ashobora kuvyara babiri. Erega mu gihugu murashobora kumenya muti dukeneye abantu bangana uku batarenga, none tuzobashikako gute tumanuka?” Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko igwirirana ry’abantu mu Burundi rituma igihugu kidatera imbere.

Soma n’iyi Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora?

Uburundi burimwo abanyagihugu barenga imiriyoni 12 muri kino gihe ku bw’ibiharuro ngereranyo bitangwa n’ibanki y’isi. Ku bijanye na rusansuma y’Abarundi bose, Evariste Ndayishimiye avuga ko arindiriye kugira afate ingingo zijanye n’ukugabanya imvyaro, Reta y’Uburundi itegekanya kuyigira mu kwezi kw’indwi uwu mwaka nyene w’2023 ku bw’amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat rikura muri bamwe mu barongoye amashirahamwe azotanga amafaranga azokoreshwa muri iyo rusansuma izokwisunga imbibe nshasha z’intara, amakomine, imitumba n’amakaritiye. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, igwirirana ry’abantu ni ikibazo gihanze igihugu c’Uburundi ariko abantu benshi batabona.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *