Muhuta : Abanyagihugu bo ku Mubone ntibategera igituma ibombo ryabo ritarasanurwa

Ikiza ca korera cibonekeje muri ako gace nico catumye abanyagihugu batangura kugira amakenga ku mazi ya rusengo bavoma kw’ibombo riri mu gacimbiri Mubone ku mutumba Mubone uri muri zone Gitaza muri komine Muhuta, ni mu ntara ya Rumonge iri mu bumanuko bw’Uburundi. Bamwe mu banyagihugu bavuga ko amazi ava muri iryo bombo acafuye kandi ko ibikorwa vyo kurisanura, vyari vyatanguye haraheze amezi arenga umunani, bitigeze bibandanya. (Le Mandat)

Abanyagihugu bo mu gacimbiri Mubone bavuga ko baherutse ibikorwa vyo kwimba ahari iryo bombo bitangura mu kwezi kwa gatatu uwu mwaka nyene w’2023 ariko ko vyaciye bihagarara. Abo banyagihugu bavuga ko, ico gihe, baterereye mu guseha umusenyi n’urucekeri. Muri kino gihe, abo banyagihugu bavuga ko iryo vomo rivamwo amazi adasa neza. Ku bw’amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat, isima yari yatanzwe na komine Muhuta mu kwezi kwa gatatu kugira isanure iryo bombo ntiyigeze ikoreshwa.

Umukuru w’umutumba ngo hasigaye kwubakira iryo bombo

Amasoko yacu yemeza ko umukuru w’umutumba Mubone yari yashikirijwe na komine imifuko ine kuri itandatu yari igenewe ico gikorwa co kwubakira ayo mazi ya rusengo kuva mu kwezi kwa gatatu. Tumubwiye amakenga y’abanyagihugu ku bijanye n’ayo mazi ya rusengo, umukuru w’umutumba Mubone yatwishuye ko ayo makenga ata fatiro afise ariko aremera ko isima yo kuhubaka ariwe yayibitse. Audace Nderagakura arongoye umutumba Mubone yatwishuye ati “Nivyo hasigaye kwubakira isima ivomero ariko ivy’uko amazi acafuye sivyo. None jewe siyo nywa!”

Musitanteri wa Muhuta ntatomora

Amasoko yacu mu nama mpanuzwajambo ya komine Muhuta yatubwiye ko musitanteri aheruka kuvuga ko ibombo ry’amazi ya rusengo ryo ku mutumba Mubone riri mu yo komine imaze guheza gusanura. Aho ngo yariko arasigura ingene amafaranga angana umuriyoni yakoreshejwe. Tubimubajije, musitanteri wa komine Muhuta yaciye atubwira ko imigambi ijanye n’amazi komine Muhuta iriko irakora iri ubwoko butatu. Scholastique Niyonsavye ati “Hariho umugende waheze, hariho umugende mushasha uriko urakorwa, hariho rero n’amarusengo.” Ku bijanye n’ibombo ry’amazi ya rusengo ryo mu gacimbiri Mubone, musitanteri Scholastique Niyonsavye avuga ko azobanza kubaza uwujejwe amazi muri komine kubera ko ngo ata wigeze amuha icegeranyo cerekana ko hari ingorane.

Ikiza ca Korera carahibonekeje

Abanyagihugu bo ku Mubone bavuga ko batewe amakenga n’ayo mazi kuko hari abantu batatu baheruka gufatwa n’indwara ya korera kuri uwo mutumba. Amasoko yacu yatumenyesheje ko abo bantu baheruka gukira inyuma yo kuvurirwa ku bitaro Prince Régent Charles mu gisagara ca Bujumbura. Musitanteri wa komine Muhuta Scholastique Niyonsavye aremeza ko abo bantu barwaye korera ariko akavuga ko ataco bipfana n’ayo mazi ya rusengo atubakiwe neza ateye amakenga abanyagihugu.

Ayo mazi ya rusengo yo mu gacimbiri Mubone asanzwe akoreshwa cane cane n’abanyagihugu bo mu duce twa Nyesiha, Gaseke na Rubombo. Abanyeshure bo kw’ishure shingiro Mubone, riri ku metero zirenga ijana z’iryo bombo, nabo nyene niyo banywa kuko kw’ishure ryabo nta bombo riharangwa. Igihe hafatwa ingingo yo kuhasanura mu kwezi kwa gatatu, ayo mazi yari amaze igihe aza arakama, abanyagihugu bagategerezwa gufata urugendo rurerure kugira ngo bavome amazi meza.

Uwurongoye inama mpanuzwajambo ya komine Muhuta Tharcisse Rutumo twaramuhamagaye kuri terefone ngendanwa tumubwira ingorane zijanye n’iryo bombo ry’amazi ya rusengo zivugwa n’abanyagihugu ku mutumba Mubone ariko yaciye atumenyesha ko atariko aratwumva neza.

Abanyagihugu bo ku mutumba Mubone wo muri zone Gitaza iri muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge basaba ko iryo bombo ry’amazi ya rusengo ryo mu gacimbiri Mubone ryosanurwa neza, bakaronka amazi meza, kubera ko ariryo ryonyene bafise muri ako karere.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *