Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w’igihugu Ndayishimiye “ahemukiye igihugu”?

Haraheze amezi atari make, umukuru w’igihugu c’Uburundi aguma avuga ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa “Guhemukira igihugu” kubera ko ariko ashira ku murongo igisata c’ubutungane. Kiretse y’uko sentare ihana ico caha itashizweho mu gihugu, Evariste Ndayishimiye aravuga n’uko wewe ari hejuru y’amategeko. Ivyo bimeze uko mu gihe Sentare Nkuru y’Ubutungane itegekanywa n’Ibwirizwa Shingiro ry’ico gihugu kiri muri Afrika yo hagati. (Le Mandat) 

Ku bw’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, Sentare Nkuru y’Ubutungane igizwe na Sentare Ntahinyuzwa na Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro zikoranye. Izo sentare zose uko ari zibiri zirahari. Ariko, ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro niryo ritomora ingene Sentare Nkuru y’Ubutungane iringanijwe, ingene ikora n’amategeko akurikizwa mu kwakira no mu kuburanisha imanza ishikirizwa ku bw’ingingo y’242 y’Ibwirizwa Shingiro. Iryo bwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro nta rihari.

Ni nde ashobora gushiraho iryo bwirizwa?

Umukuru w’igihugu ubwiwe arashobora gutunganya integuro y’iryo bwirizwa. Ariko, umunyamategeko abivuga abona ko Evariste Ndayishimiye ata gushaka kwo kuritunganya afise. Uwo munyamategeko avuga ati “Ntiyamenyekanishije amatungo yiwe kandi bitegekanywa n’ibwirizwa shingiro. Simbona ingene yorazwa ishinga no gushiraho sentare ifise ububasha bwo kumukubita intahe mu gahanga.” Ku bw’uwo yize ibijanye n’amategeko, abandi bategetsi bo hejuru harimwo umushikiranganji w’ubutungane hamwe n’uwurongoye sentare ntahinyuzwa barafise ububasha bwo gutunganya integuro y’iryo bwirizwa ariko biragaragara ko badashobora kubigira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atabishaka. Ivyo biri uko mu gihe Evariste Ndayishimiye nyene amaze igihe asubiramwo ko abacamanza bamugabishije ko ashobora kwagirizwa “guhemukira igihugu” hamwe yobandanya “yisuka mu bijanye n’ubutungane”. Aheruka kuvuga ibijanye n’ico kibazo kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo igihe yagirana inama n’abarongoye amadini atandukanye mu Burundi. Ico gihe Evariste Ndayishimiye yavuze ati “Abacamanza bavuze ko ninjiriye ubutungane. Ni uko nagize Imana nkaba ndi umunyamategeko, nca ndabasokororera ibwirizwa shingiro, basoma amategeko. Bambwire ico arico Umucamanza Kizigenza. Ngo oya urumva ivy’amategeko ngo hariho haute trahison [uguhemukira igihugu].” Evariste Ndayishimiye yabandanije avuga ko yababwiye ko umukuru w’igihugu atanze ikigongwe aba arenze amategeko:”Nca ndababwira. Murazi ko umukuru w’igihugu yemerewe n’ukurenga amategeko? Je nabahaye akarorero. Umukuru w’igihugu afise uburenganzira bw’ugutanga ikigongwe. Urubanza bararuca neza, waramenje, intahe ikagukubita mu gahanga, bakavuga bati uyu azopfungwa ubuzima bwiwe bwose. Umukuru w’igihugu agaca aza ati ndakugiriye ikigongwe. Aho ntaba arenze amategeko? Hari aho urigera wumva ngo yamenje?”

Ariko rero, ico kigongwe c’umukuru w’igihugu kiremewe n’amategeko kuko gitegekanywa n’ingingo y’114 y’ibwirizwa shingiro.

Ku bijanye n’icaha co guhemukira igihugu naco, ingingo y’117 y’Ibwirizwa Shingiro ivuga iti:

Umukuru w’Igihugu ntashobora gukurikiranwa n’Ubutungane kubera ivyo yakoze mu kurangura amabanga yashinzwe kiretse iyo yahemukiye igihugu.

Umukuru w’Igihugu ahemuka iyo aciye kubiri n’Ibwirizwa Shingiro canke amabwirizwa, agakora n’impaka ibiteye kubiri n’ineza y’Igihugu bihungabanya bimwe bikomeye ubumwe bw’Abarundi, amahoro mu gihugu, ubutungane kuri bose, iterambere ry’igihugu, canke bityoza cane agateka ka zina muntu, bibangamira imbibe z’igihugu n’ukwikukira kw’igihugu.

Sentare Nkuru y’Ubutungane niyo ifise ububasha bwo guca imanza z’icaha co guhemuka.

Umukuru w’Igihugu ashengezwa n’Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zikoranye, iyo ngingo igashingwa yemejwe na bibiri vya bitatu vy’abagize izo nzego biciye mu matora yabaye mu mwiherero.

Itohozwa ritegerezwa kugirwa n’umugwi w’abashikirizamanza bakukira Sentare Ntahinyuzwa batari munsi ya batatu, barongowe n’Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika.

Soma n’iyi Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora?

Mu kiganiro yatanze ku musi wa mbere, uwurongoye ishirahamwe rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME yavuze ko atari ibisanzwe kubona ko hari abantu badashobora gukorwako n’aho bogurisha igihugu. Gabriel Rufyiri abona ko Reta y’Uburundi yanse gushiraho Sentare Nkuru y’Ubutungane kandi iyo sentare ishobora gutuma hatsimbatazwa intwaro ibereye n’ubwigenge bw’ubutungane.

Umwe mu bahinga bakurikiranira hafi ibijanye na poritike y’Uburundi avuga ko iyo Sentare Nkuru y’Ubutungane itazopfa igiyeho igihe cose umugambwe CNDD-FDD uzoba ukiri ku butegetsi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *