Burundi : Izindi mvo zatumye ibihano vya Buraya bivaho

Izo mvo ntizanditse mw’itangazo riheruka gusohorwa n’Inama y’Ubumwe bwa Buraya ariko zimwe muri zo ivyo bihugu vyaraziganiriye imbere y’ugufata ingingo ntabanduka. Muri izo mvo zatumye Ubumwe bwa Buraya butezurira Uburundi, harimwo izijanye n’uko ivyo bihano bitashitse kw’ihangiro ivyo bihugu vyipfuza, hakaba n’ibijanye n’ukwipanga mu karere. (Le Mandat)

I ruhande y’imvo zashikirijwe mu ngingo yo ku wa 8 Ruhuhuma, izindi mvo zatumye ibihano bikurwaho ku Burundi zari zashizwe ahabona mu ntango z’ukwezi kwa mbere mu biganiro vyahuje abaserukira Ubumwe bwa Buraya n’abategetsi b’Uburundi hisunzwe ingingo ya 96 y’amasezerano ahuza ubwo Bumwe bwa Buraya nyene n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika, Karaibe na Pasifike.

Ubumwe bwa Buraya bwipfuza kugira ikibanza mu Burundi

Ku bw’Inama y’Ubumwe bwa Buraya, icipfuzo co gukura ibihano ku Burundi kija mu ntumbero ya poritike y’Ubumwe bwa Buraya mu bijanye n’imigenderanire n’ibindi bihugu. Iyo poritike ivuga ko Ubumwe bwa Buraya butegerezwa kuboneka “nk’igihangange imbere y’ibindi bihugu kw’isi”. Ubumwe bwa Buraya bwabona ko gukuraho ivyo bihano bizobufasha gusubira kugira ijambo mu Burundi, bugatsimbataza n’igihagararo mu Burundi ugereranije n’ibindi bihugu vyo kw’isi. Umwe mu bahinga wewe yongeyeko ko Uburundi ari ikibanza ciza kugira ngo Ubumwe bwa Buraya bugumize ijisho mu karere k’ibiyaga binini. Inyuma y’ikurwaho ry’ibihano, Ubumwe bwa Buraya bwizeye kandi ko ukwizerana hagati y’izo mpande zibiri bizogaruka, bigatera intege abafise intumbero yo gukora neza mu bategetsi, hakaba n’ibiganiro hagati y’izo mpande zibiri ku bibazo bikomeye.

Ibihano ntivyashitse kw’ihangiro

Ivyo Abanyaburaya ntibabivugira ku mugaragaro ariko biraboneka neza ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwashoboye guhangana n’ibihano, buragwazagwaza imyaka 6 yose irahera ata mfashanyo buronka zija buno nyene muri Reta zivuye mu Bumwe bwa Buraya. Abari mu mashirahamwe yigenga hamwe n’abatavuga rumwe na Reta baba abanyeporitike canke abitwaje ibirwanisho nabo nyene nta nguvu zihagije berekanye. Mbere, abategetsi b’Uburundi bakoze bike cane mu vyo bari basabwe igihe Ubumwe bwa Buraya bwafata ibihano mu mwaka w’2016. Kugira rero ntibabandanye batakaza ikibanza, gica cifatirwa n’Abanyamerika, Abarusiya, Abashinwa n’abandi, Ubumwe bwa Buraya bwahisemwo gukuraho ivyo bihano bitashitse kw’ihangiro, buca bufata ingingo y’uko ibindi bibazo buzobandanya bubiganira n’abategetsi b’Uburundi hisunzwe ingingo y’8 y’Amasezerano y’i Cotonou.

Ivyo bindi bibazo bizobandanya biganirwako ni ibijanye n’ukwubahiriza kurusha intwaro ibereye, intwaro ishingiye ku mategeko, hamwe n’agateka ka zina muntu. Ku bw’Ubumwe bwa Buraya, nivyo nkingi y’iterambere rirama. Hariho kandi ibijanye n’irekurwa ry’abapfungwa ba poritike, ugutahuka mu gihugu kw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe yigenga. Ubumwe bwa Buraya buvuga ko urubuga rwa poritike rutegerezwa kwugururwa mu ntumbero yo kunywanisha Abarundi. Ubumwe bwa Buraya bwipfuza kandi ko hotsimbatazwa ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Gufatira abantu ubusa ngo bitegerezwa kugabanuka, abategetsi babijejwe bagakurikiranira hafi imigwi ya poritike ihohotera abanyagihugu. Muri iyo migwi yokurikiranirwa hafi, Ubumwe bwa Buraya bugatanga akarorero k’imbonerakure. Ubumwe bwa Buraya bwipfuza kandi ko hojamwo umuco mu bikorwa vy’urwego rw’iperereza, hagasubirwamwo n’ibijanye n’ubutungane. Ubumwe bwa Buraya bwipfuza kandi ko ibikorwa vya Reta vyotandukanywa n’ivy’umugambwe CNDD-FDD. Icanyuma cavugiwe muri iyo nama yo mu kwezi kwa mbere ni uko Ubumwe bwa Buraya bwipfuza ko hokwubahirizwa ubwigenge bw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Kugira ngo Reta y’Uburundi igire umwete wo gutera intambwe muri ivyo bibazo vyose vyashikirijwe n’Ubumwe bwa Buraya, umugwi waserukiye Afrika, Karaibe na Pasifike muri ivyo biganiro wavuze ko ibihano vyafatiwe abategetsi bamwe bamwe vyoba biragumijweho.

Ubumwe bwa Buraya bwakuyeho ibihano vy’ubutunzi ku Burundi haheze ukwezi kumwe igihugu c’Ubufaransa gitanguye kurongora uwo muryango. Mw’ijambo ryiwe imbere y’abashingamateka b’uwo muryango ku wa 19 Nzero, umukuru w’igihugu Emmanuel Macron yavuze ko Afrika ari umugabane ufitiye akamaro cane Ubumwe bwa Buraya.

One thought on “Burundi : Izindi mvo zatumye ibihano vya Buraya bivaho”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *