Imbonerakure zo mu Nyakabiga zishe umunyagihugu, zita ikiziga mu Ntahangwa.

Abanyagihugu bo muri karitiye Nyakabiga ya gatatu bariyamiriza imbonerakure zikubita abahita iyo ijoro ryitereye. Haraheze indwi irenga, izo mbonerakure zarishe umunyagihugu atamenyekanye muri iyo karitiye yitwa Nyakabiga 3 iri muri zone Nyakabiga ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. (Le Mandat)

Igihe uwo munyagihugu yicwa, hari mw’ijoro ryo ku wa 30 Ruheshi ushira uwa mbere Mukakaro. Abanyagihugu bavuga ko, uwo mugabo batashoboye kumenya, yakubiswe n’umugwi w’imbonerakure zirongowe n’uwitwa Jean Marie Habarugira asanzwe atwara n’ihuriro ry’igihugu ry’urwaruka muri iyo karitiye Nyakabiga 3 nyene. Iyo mbonerakure yagiye mu mabanga yo kurongora izindi mbonerakure zo mu Nyakabiga ya 3 inyuma y’“amatora” yatunganijwe mu gihugu cose mu mugambwe CNDD-FDD mu mpera z’ukwezi kwa gatanu. Amasoko yacu avuga ko, imisi yose hageze isaha zine n’igice z’ijoro, uwo mugwi w’imbonerakure utangura gukizura witwaje inkoni, ugahagarika umuntu wese bahuye, hamwe n’imiduga. Muri ivyo bikorwa bitera ubwoba abanyagihugu, Jean Marie Habarugira ngo aba ari kumwe na Désiré, Enock, Arcade, François na Pascal. Abanyagihugu bo mu Nyakabiga ya 3 bavuga ko izo mbonerakure zose uko ari zitandatu zakubise uwo mugabo gushika aho asandaba, zimwagiriza ko ari umusuma. Itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat rikaba ryaramenye ko izo mbonerakure zaciye zija guta ico kiziga mu ruzi Ntahangwa.

Amasoko yacu yatubwiye ko izo mbonerakure zikora ubwo bubisha ataco zinona kuko zishigikiwe n’uwurongoye zone Nyakabiga. Uwo arongoye zone Nyakabiga yitwa Gervais Ndihokubwayo hamwe n’imbonerakure irongoye izindi mu Nyakabiga ya 3 Jean Marie Habarugira twabarondeye ariko ntitwashoboye kubaronka.

Abanyagihugu bamwe bamwe bo muri zone Nyakabiga basaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa.

Inkuru bijanye Burundi : Imbonerakure zishe umunyagihugu, zita ikiziga mu Ntahangwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *