RED-Tabara : Intwazangabo zibiri zishwe zihorwa guhemuka no gucudika n’umwansi.

Umwe mu bishwe ni Komiseri yari ajejwe ibijanye n’ibikorwa vya gisirikare hamwe n’inyigisho za gisirikare mu muhari RED-Tabara. Bamwita C3 muri uwo mugwi witwaje ibirwanisho. Uwa kabiri yishwe bamwita C4. Yari Komiseri ajejwe ububiko, uburaro, ukwunguruza hamwe n’ukugaburira abarwanyi. Izo ntwazangabo zibiri z’uwo mugwi ufise ibirindiro muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo zariko zirategura kujabukana mu Burundi bamwe mu barwanyi kugira ngo bazoce bishikana nk’uko bari babipfunditse n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi. (Le Mandat) 

Nicolas Niyukuri batazira Gisiga, Komiseri nimero 3, hamwe na Réverien, Komiseri nimero 4, bishwe n’urwego rwa gisirikare rwo hejuru rw’umugwi uharanira intwaro ishingiye ku mategeko RED-Tabara, haraheze amezi make. Itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse amakuru avuga ko, imbere y’uko bicwa, abo basirikare babiri bo ku rwego rw’intwazangabo bari bamaze igihe bavugana n’urwego rw’iperereza rw’Uburundi bahujwe n’uwuserukira Uburundi muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo afise icicaro i Kinshasa Général de Brigade Agricole Mwamba Ntirampeba. Uwo nawe yatanguye kuvugana n’izo ntwazangabo zibiri za RED-Tabara bahujwe n’urwego rw’igendereza rwa kimwe mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini. Mu matohoza yacu, twaramenye ko ivyo biganiro vyari bifise intumbero yo kujana mu Burundi bamwe mu barwanyi ba RED-Tabara, bari kuba barongowe na Nicolas Niyukuri batazira Gisiga, hanyuma bagaca bishikana ku nzego z’igihugu.

Ntiturashobora kuronka Général de Brigade Agricole Mwamba Ntirampeba kugira agire ico abivuzeko. Ku ruhande rwa RED-Tabara, ntibemeza kandi ntibahakana igandagurwa rya Nicolas Niyukuri batazira Gisiga hamwe na Réverien. Umwe mu barongoye abandi mu gisirikare c’uwo mugwi ugwanya Reta y’Uburundi yatubwiye gusa ko izo ntwazangabo zibiri zakoze amakosa hanyuma “zirarengutswa, zirisigura, mu nyuma zica zicirwa urubanza hisunzwe amategeko n’amabwirizwa agenga abarwanyi ba RED-Tabara”.

Soma n’iyi Kongo : RED-Tabara ngo barabesha ntisugerejwe

Muri iyi myaka, umuhari RED-Tabara waratsimbataje cane igisata cawo c’iperereza harimwo n’ibijanye n’ugusuma urusaku. Mu matohoza itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryagize, ryasanze hari imitego myinshi yatezwe n’inzego z’iperereza mu Burundi no mu karere yasambuwe n’uwo muhari usigaye uvugwa mu biganiro nka vyose bijanye n’amagume azingamitse Uburundi.

Akarorero ka hafi ni ako ku musi wa kane, igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023, igihe umugambwe CNDD-FDD watanguza ku mugaragaro indwi wahariye intwari. Uwo musi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, asanzwe arongoye n’inama nkuru y’inararibonye y’uwo mugambwe uri ku butegetsi, yavuze ko RED-Tabara iri mu migwi yatsinzwe muri kahise, ko rero ubu ata cotera ubwoba Abarundi.

Imisi ibiri imbere y’uko umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga, mugenziwe wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo nawe nyene yari yavuze ibijanye n’umuhari RED-Tabara mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye ku musi wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo. Félix Antoine Tshisekedi yariko aravuga ibihugu bibiri vyo mu karere bafitaniye imigenderanire ya gisirikare n’iy’iperereza. Uwo musi yavuze ati : “Igisirikare ca Kongo kirakorera hamwe n’igisirikare ca Uganda mu kurwanya umugwi w’iterabwoba ADF hanyuma kigakorana n’igisirikare c’Uburundi mu kurandurana n’imizi abarwanyi ba RED-Tabara.”

Indwi zitatu imbere yaho, hari ku wa 26 Gitugutu, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yahamagariye “abarwanyi ba RED-Tabara bavyipfuza gutahuka mu gihugu, bakakwa ibirwanisho, bagaca basubizwa mu buzima busanzwe, abandi nabo bakitaba ubutungane”. Uwo musi yari yakiriye indongozi z’ishirahamwe ry’abanyaburaya European Institute of Peace yavuze ko ririko rirabimufashamwo.

Ico gihe, uwo mugwi, uheruka kwica intwazangabo zawo zibiri uzihora guhemuka no gucudika n’umwansi, wagirije umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kwiteza utunyoni kandi azi neza ko utigeze uhengeshanya gusaba ko haba ibiganiro bifise intumbero yo gutunganya amatora yo ku mugaragaro, akwije ivyangombwa kandi adakumira.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *