Burundi : Ingene Jenerari Bunyoni “yafashwe”.

Umuduga wo ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye hamwe n’uwari utwaye Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yahuriye mw’ihuriro ry’amabarabara riri i ruhande y’ingoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD, ahafise izina rya Rond-point des Nations Unies. Aho imiduga yari yafashe urugendo rugana muri Kongo, mw’ijoro ryo ku wa 20 Ndamukiza, yari ihejeje gusubirira inyuma mu nzira. (Le Mandat)

Abasirikare n’abaporisi bari mu ma pick-up abiri yari aherekeje umuduga wo mu bwoko bwa Jeep warimwo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni bamaze gutegekwa gusubira mu makambi yabo, uwo muduga warimwo uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wari wamaze gufata ibarabara Avenue de l’OUA rica kw’isoko Bujumbura City Market benshi bita Kwa Siyoni. Iyo Jeep yirabura igeze kw’ihuriro ry’amabarabara riri i ruhande y’ingoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD, hitwa Rond-Point des Nations Unies, hariho uwundi muduga wo mu bwoko bwa pick-up wari uhahagaze, urindiriye. Iyo pick-up, yarimwo abaporisi 4 inyuma, yaciye igenda ishoreranye na Jeep yarimwo Jenerari Bunyoni baca kw’ibarabara Chaussée du peuple Murundi, rica ku biro vya zone Buyenzi, rigaca n’aho bita kuri Permanence. Bagira bashike neza na neza kw’ihuriro ry’amabarabara benshi bita kuri LEO i ruhande y’ikibanza citiriwe ukwikukira Place de l’indépendance, ya pick-up yaciye ica imbere ya Jeep hanyuma iyo miduga yose uko ari ibiri irahagarara. Umuporisi arongoye abandi yari muri iyo pick-up aca abwira umushoferi wa Jeep yarimwo Jenerari Bunyoni kwatsa amatara mu muduga. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yari yambaye ikoti ryirabura. Urugendo rwaciye rubandanya baca i ruhande y’iyahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura. Iyo miduga ibiri igeze kw’ibarabara, ryahoze ryitwa Boulevard du 28 novembre, ubu ryitwa Boulevard Mwezi Gisabo, ica ihahurira n’iyindi pick-up yera yo mu rwego rw’iperereza. Uwari arongoye abandi muri iyo pick-up yavuze ati “Duhe uwo muntu”. Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yaciye ava muri Jeep yinjira muri pick-up yo mw’iperereza. Umuduga wo mu bwoko bwa Jeep waciye usubira ku muhana wa Jenerari Silas Ntigurirwa muri iryo joro ryo ku musi wa kane ushira uwa gatanu.

Inkuru bijanye Inyinyurana hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni : Imisi itatu yo kwisuganya kwa Jenerari Silas Ntigurirwa

Abasirikare bacungera Jenerari Silas Ntigurirwa, yamaze imisi ahaye indaro Jenerari Alain Guillaume Bunyoni, bakaba baheruka guhindurwa. Ikindi itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryashoboye kumenya ni uko, imbere y’uko imihana ya Jenerari Alain Guillaume Bunyoni itangura gusakwa, abasirikare n’abaporisi bari bashinzwe ico gikorwa bamaze imisi begeranirizwa mw’ikambi yitwa DCA. Abahiswemwo bakaba bari abahoze mu gisirikare ca kera bita EX-FAB hamwe n’abahoze mu barwanyi ba FNL. Uruhande rw’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye rwabona ko iyo migwi ibiri y’abasirikare ata kinya yari kugira hamwe Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yari kudadaza kuko ngo iyo migwi iri mu yakorewe amabi atandukanye harimwo kwicwa igihe Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yari arongoye ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu c’Uburundi.

Soma n’iyi Ifatwa rya Jenerari Bunyoni : Imiduga yari imujanye muri Kongo yagarukiye mu nzira

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *