Ifatwa rya Jenerari Bunyoni : Imiduga yari imujanye muri Kongo yagarukiye mu nzira.

Inyuma y’imisi itatu ya zuguruzuguru ari kwa Jenerari Silas Ntigurirwa, hahavuye hafatwa ingingo y’uko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni ahungira muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo. Mw’ijoro ryo ku musi wa kane ushira uwa gatanu, niho umugwi w’aba Généraux watanga uruhusha rwa nyuma rwo kujabukana uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere aciye muri zone Gatumba ya komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura bita rural. (Le Mandat)

“Uwu muntu ndabahaye ni umuntu ahambaye cane ku gihugu. Mutegerezwa kurwanira igihugu. Hamwe yogira ico aba, igihugu coba kiguye mu manga. Ni haduka umuntu uwo ariwe wese aza kubarwanya, mwidéfendez [mumwivune]. Ni mwakenera renfort [abaza kubafasha], mutubwire. Jewe ngumye ngaha kandi nta bwoba mfise. Ni vyashaka bizonkoreko ariko sinshobora kwemera ko dusubira kurya inkere mw’ishamba. Sinshobora kwemera ko dusubira iyo twavuye.” Ayo ni amajambo Jenerali Silas Ntigurirwa yatekereye abasirikare n’abaporisi 67 bari bafise igikorwa co kujana Jenerari Alain Guillaume Bunyoni muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo mw’ijoro ryo ku musi wa kane ushira uwa gatanu. Ibiganiro hagati y’aba Généraux n’abo ku ruhande rw’umukuru w’igihugu vyari bimeze nk’ivyanse burundu ku bw’amasoko y’ikinyamakuru Le Mandat.

Soma n’iyi Burundi : Ni nde yishe Jenerari Adolphe Nshimirimana?

Abasirikare n’abaporisi baherekeje Jenerari Alain Guillaume Bunyoni muri iryo joro bari bafise ibirwanisho rutura. Bamwe bari kumwe nawe mu muduga wo mu bwoko bwa Jeep wirabura w’igisirikare. Imbere y’uwo muduga, hari pick-up y’igisirikare. Inyuma y’uwo muduga warimwo Bunyoni naho hari pick-up yo mu rwego rujejwe gukingira inzego API. Urukwirikirane rw’iyo miduga itatu rurenze gato ahazwi cane kw’izina rya Saga Plage muri zone Gatumba, pick-up yari imbere yaciye ihagarara. Itangura gukata isubira inyuma. Intwazangabo yari irongoye urugendo ica ikoresha ibimenyetso mu kwereka iyo yindi imiduga yari inyuma yayo ko yoyikwirikira. Iyo miduga yose uko ari itatu yaciye isubira inyuma igana iyo yari yaje iva. Muri ico gihe, umuduga warimwo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni waciye wongereza umuvuduko uca imbere ya pick-up yari imbere yawo. Iyo pick-up yaciye igabanya umuvuduko, mbere igeze mu micungararo y’aho bita kuri Chanic ica irahagarara. Umuduga warimwo Jenerari Alain Guillaume Bunyoni wari wamaze kugera kure. Ya ntwazangabo yari irongoye urugendo ica irasohoka mu muduga, ibwira abasirikare n’abaporisi bari muri za pick-up zibiri iti : “Mission irahindutse, ni musubire mu makambi yanyu. Ni twabakenera turababwira. Ntimuzimye amaterefone yanyu.”

Kuri musi wa gatandatu, niho umugwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH wavuze ko wagiye kuvugana na Jenerari Alain Guillaume Bunyoni aho apfungiwe.

Ku musi w’Imana naho, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi aca asohora itangazo rivuga ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yafashwe ku munsi wa gatanu.

Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat avuga ko, imbere y’uko hafatwa ingingo yo kujabukana Jenerari Alain Guillaume Bunyoni muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, hagaragaye ubwoba mu ba Généraux ku bijanye n’ivyashobora kumushikira amaze kurenga urubibe. Bari batewe ubwoba cane cane n’imigwi itatu. Abasirikare ba Reta y’Uburundi basanzwe bari aho mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, abagwanyi ba RED-Tabara hamwe n’abagwanyi ba FNL.

Ku musi wa gatatu, hari abasirikare bari barungitswe aho muri Kongo kugira ngo bazokwakire Jenerari Alain Guillaume Bunyoni hakurya y’uruzi Rusizi, bikaba vyari bitegekanijwe ko atari guca ku mupaka uzwi n’amategeko wa Gatumba, ahubwo ko yari guca mu gace kitwa Vugizo.

Imbere y’uko izo modoka zari zireruye Jenerari Alain Guillaume Bunyoni zigarukira mu nzira, hari pick-up yarimwo abasirikare 8 yari yabanje kugenda imbere yazo kugira ngo irabe neza ko inzira ihita.

Soma n’iyi Muyinga : Ubwo umukenyezi imbonerakure zatsindagiyemwo inshinge azohava akira?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *