Burundi : Abagumyabanga ba CNDD-FDD buca bahabwa indongozi nshasha

Mu mihingo itandukanye y’igihugu, abanywanyi ba CNDD-FDD barararitswe kwitaba ibikorwa rusangi vyo kuri uwu wa gatandatu igihe c’isaha zitatu zo mu gatondo. Itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryamenye ko ivyo bikorwa rusangi bizotunganirizwa ku mirwa mikuru y’intara 5 zitegekanywa n’indinganizo nshasha ari zo Buhumuza, Bujumbura, Burunga, Butanyerera na Gitega. Amakuru twaronse avuga kandi ko abanywanyi b’uwo mugambwe mu ntara ya Bujumbura igizwe n’amakomine ya Bubanza, Bukinanyana, Cibitoke, Isare, Mpanda, Mugere, Mugina, Muhuta, Mukaza, Ntahangwa na Rwibaga bazohurira ku kibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari mu gisagara ca Bujumbura.

Ariko, ico benshi muri abo banywanyi ba CNDD-FDD batazi ni uko muri buri ntara, abazoja muri ivyo bikorwa rusangi bazotegekwa kwemeza bakomye amashi indongozi nshasha.

Soma n’iyi Burundi : Ubwo imbonerakure zizokonywa inyuma yo gusubira guhabwa Motorora ?

Igihe c’isaha cumi na zibiri zo mu gatondo niho bitegekanijwe ko abazotunganya ivyo bikorwa muri buri ntara bazohabwa izina rishasha ry’umunyamabanga azorongora uwo mugambwe uri ku butegetsi mu ntara.

Inyuma y’ukwemeza izo ndongozi nshasha za CNDD-FDD ku rwego rw’intara, hategekanywa ko no ku zindi nzego zose zo hasi z’uwo mugambwe hashingwa inzego nshasha ku bw’amakuru twaronse. Ayo makuru nyene avuga ko n’inzego ziherutse gushingwa na Révérien Ndikuriyo mu mazone atandukanye y’igihugu hisunzwe indinganizo nshasha y’imbibe z’intara zizofutwa hagashingwa izindi nshasha.

Ivyo biri uko mu gihe muri CNDD-FDD, hasanzwe hari inyinyurana hagati y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe Réverien Ndikuriyo, bapfa ikibanza co guserukira uwo mugambwe nyene mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2027.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *