Alexis Sinduhije : “Urugamba rwaratanguye kandi ndazi neza ko rutazohagarara.”

Mu kiganiro yagiranye n’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” mu rurimi rw’igifaransa, uwurongoye umugambwe MSD avuga ko imigwi itandukanye y’Abarundi yamaze gutangura urugamba rwo kubogora igihugu. Alexis Sinduhije ati : “ubu urugamba rwo kwigwanira rwaratanguye kandi ndazi neza ko rutazohagarara. Muri urwo rugamba, hariho abahisemwo gufata ibirwanisho. Hariho abandi, nanje ndimwo, umugambwe MSD n’iyindi migambwe hamwe n’abari mu mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike batari bake, twaratanguye natwe kwigwanira. Twese hamwe rero dufise intumbero yo kugondoza abategetsi b’Uburundi bakaza ku meza y’ibiganiro kugira ngo igihugu gitunganywe hisunzwe demokarasi nyayo.”

Alexis Sinduhije avuga ko Abarundi babandanya kugandagurwa ata camira n’inzego z’igihugu, ababuze ababo bakabuzwa no kugandara. Urwego rw’iperereza ngo ruguma runyuruza abanyagihugu bakaburwa irengero. Uwo arongoye umugambwe MSD avuga ko abapfungwa ba poritike bakivundiye mu mabohero mu Burundi. Alexis Sinduhije ati “nko mu mugambwe MSD, hariho abapfungirwa ubusa, hariho nk’abahejeje umunyororo w’akarenganyo baciriwe w’imyaka 5, 7, 8, mbere na 10 ariko batararekurwa gushika ubu.”

Ica mbere umugambwe MSD ushira imbere ni ukugarukira amasezerano y’amahoro no kunywanisha y’i Arusha ku bwa Alexis Sinduhije. Ku bwiwe, ayo masezerano ni umushinge ukomeye kandi yotuma umutekano ugaruka mu gihugu. Alexis Sinduhije ati “intwaro ya demokarasi yokuraho ico nita indwara ya kanseri ishingiye ku macakubiri y’ubwoko. Ukuri ku mabi yakozwe muri kahise gutegerezwa kuja ahabona, ubutungane bukigenga, igiturire kikaranduranwa n’imizi, Abarundi bagatera imbere, abana bacu bakarya gatatu ku musi nk’abandi bo mu bindi bihugu.”

None ivyo bizoshikwako vy’ukuri ?

Mu kwishura ico kibazo, Alexis Sinduhije avuga ko Uburundi ari igihugu c’ijunja. Ati “Uburundi ntibwazanywe n’abakoroni ahubwo Uburundi bwabayeho imbere y’umuzo w’Abadagi. Uburundi n’Urwanda vyari ibihugu vyifashe mu karere. Abarundi twaraciye mu makuba muri kahise ariko twaravyifashemwo neza. Twararwanije ubuja kandi twatahukanye intsinzi. Abakoroni b’Abadagi ntibatuvogereye ku musi wa mbere nk’uko babigize ahandi. Abarundi twarirwaniye bikomeye mu kiringo c’imyaka itanu. Twararwanije intwaro y’ubukoroni turayitsinda. Nivyo uno musi duhanzwe n’ingorane ariko dusenyeye ku mugozi umwe twese turashobora gutsinda.”

None ko CNDD-FDD ihonyanga amasezerano atari make harimwo ay’i Arusha, amakungu asemerera, Abarundi bazoshobora gutora inyishu kandi n’amakungu asa n’ayananiwe ?

Alexis Sinduhije : Amakungu nivyo araterera, aha novuga nk’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubumwe bwa Buraya, ubumwe bwa Afrika, ishirahamwe ry’akarere EAC n’abandi, ariko ayo mashirahamwe, ayo makungu arafise aho ageza. Aho ageza rero niho natwe Abarundi duca tuyakorera mu ngata. Amakungu arashobora kwiyamiriza ubwicanyi, agatotezo n’ayandi mabi Abarundi bariko barakorerwa n’abategetsi ariko ntashobora kurwana mu kibanza c’Abarundi. N’aho yabigize acerewe, amakungu yariyamirije intwaro karyanishamiryango yo muri Afrika y’Epfo ariko ntiyashobora kurwana mu kibanza c’abirabure canke abanyagihugu ba Afrika y’Epfo. Abanyafrika y’Epfo nibo bonyene bategerezwa kwikurako iyo ntwaro karyanishamiryango ya Apartheid. Ku bituraba, nta wuzoza kurwana mu kibanza cacu. Twaratanguje urugamba, nabivuze, hariho abari mu mashirahamwe yigenga, hariho abari mu migambwe, hariho n’urwaruka rwahisemwo gufata ibirwanisho. Twese hamwe ni ukwirwanira. Ni ukwirwanira kw’Abarundi kuko basanze amakungu afise aho ageza.

Muri ico kiganiro, uwurongoye umugambwe MSD aravuga kandi ko hategerezwa kubanza gutorerwa umuti amakuba ahanze igihugu c’Uburundi kugira ngo umuti ushobore gutorwa na hakurya y’Uburundi mu ntara ya Kivu iri mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *