Lycée ya komine Muhuta : Ubwo abatanze amafaranga yo kudubura bazoyasubizwa?

Abavyeyi batari bake bari batanze amafaranga kugira ngo abana babo baronke ibibanza vyo guhitira kw’ishure ryisumbuye rya komine Muhuta riri ku mutumba Gitaza muri zone Gitaza, mu ntara ya Rumonge iri mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburundi. Komite nshingwashure yo kuri iryo shure niyo yari yashinze igitigiri c’amahera, abanyeshure bipfuza guhitira, bategerezwa kuriha, yaba abari basanzwe bahiga canke abaje bavuye ku yandi mashure. Ariko, n’aho umwaka w’ishure mushasha buca utangura batarayasubizwa, umuyobozi w’indero muri komine Muhuta yavuze ko ayo mafaranga yatojwe harenzwe amategeko. (Le Mandat)

Umuvyeyi yari asanzwe arereye kuri iryo shure yatanga ibihumbi cumi (10000FBu) kugira ngo umwana wiwe, yayobewe, yemererwe kuhaduburira. Ku munyeshure avuye ahandi, umuvyeyi wiwe yariha ibihumbi mirongo ibiri (20000FBu) kugira ngo aronke ikibanza co kudubura kuri Lycée Communal Muhuta mu mwaka w’ishure w’2022 ushira uw’2023 uzotangura ku musi wa mbere igenekerezo rya 12 Nyakanga 2022. Komite nshingwashure yasigura ko ayo mafaranga atozwa mu ntumbero yo gusanura ibirasi bibiri ngo bisanzwe bibangamirwa n’amazi kandi ngo ashobora kubihitana. Izo ngingo zari zapfundikiwe mu nama ya komite nshingwashure yo ku wa 5 Myandagaro mu 2022 zariyamirijwe n’umuyobozi w’indero muri komine Muhuta inyuma y’imyidogo y’abavyeyi.

Izindi ngingo zaciye zifatwa

Mw’ikete ryo ku wa 29 Myandagaro mu 2022, umuyobozi w’indero muri komine Muhuta Nzikibazanye Astère yategetse umuyobozi wa Lycée Communal de Muhuta guhagarika iryo tozwa ry’amahera yo kwiyandikisha kuri iryo shure. Ikindi umuyobozi wa Lycée Communal Muhuta Ntibazahoruri Joachin yategetswe ni ugusubiza abavyeyi n’abanyeshure amafaranga yose ajanye n’ukudubura yari yamaze gutozwa, ata kirinze gusabwa. Nzikibazanye Astère yasiguye ko ingingo yose ijanye n’ugutoza amafaranga ifatirwa mu nama y’abavyeyi bose kandi ko ifatwa abanyeshure biga atari mu bihe vy’uburuhuko. Ikindi Nzikibazanye Astère asigura ni uko amategeko ajanye n’uguhindura aho umunyeshure yiga avuga ko umunyeshure akwije ibisabwa ahabwa ikibanza ku buntu.

Ayo batoje ngo baramaze kuyakoresha

Ikete komite nshingwashure yaciye yandikira umuyobozi w’indero muri komine Muhuta ku wa 31 Myandagaro mu 2022, yamwishuye ko ugutoza ayo mafaranga y’abadubura vyahagaze ariko ko ayari yatojwe yamaze gukoreshwa mu kugura ibikoresho vyo kwubaka nk’isima, urucekeri n’ibindi. Ivyo vyatumye bamwe mu bavyeyi biyumvira ko amafaranga yabo atagisubijwe.

Ayo mahera ngo “azosubizwa”

Nzikibazanye Astère yatubwiye ko abatanze ayo mafaranga mu kurondera ibibanza vyo kudubura bose bazoyasubizwa. Ingene bizogenda ngo ni uko, hageze ko abanyeshure batanga amafaranga agenewe inyubako kuri iryo shure, abo batanze amafaranga yo kudubura ngo ntaco bazokwakwa kugeza igihe azokwira igitigiri c’ayo batanze mu gusaba ivyo bibanza vyo guhitira. Amakuru dukura kuri iryo shure ryisumbuye rya komine Muhuta avuga ko igitigiri c’amafaranga y’inyubako mu bisanzwe gipfundikirwa mu nama y’abavyeyi iyo babona akenewe.

N’aho umuyobozi wa Lycée Communal Muhuta Ntibazahoruri Joachin tutashoboye kumuronka ngo atubwire uko amafaranga bari bamaze gutoza angana, amakuru twakuye kuri iryo shure avuga ko muri ayo mafaranga yatojwe hadakurikijwe amategeko abipfuza kuhadubura harimwo ayarenga ibihumbi amajana indwi (700000FBu) yaguzwe imifuko y’isima ibitse mu bubiko bw’ishure.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *