Ayo masanamu y’umukuru w’igihugu Magufuli ni ayo mu 2019.

Inyuma y’impari zimaze imisi ku bijanye n’amagara ya John Pombe Magufuli, amasanamu y’uwo mukuru w’igihugu ca Tanzaniya yakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi. Bamwe bavuga ko isanamu y’imboneshakure Citizen yo muri Kenya ari icemezo ko umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli akiriho. Hakaba haheze indwi zirenga zibiri, umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli abanyagihugu batamubona amaso mu yandi.

Ntidufise intumbero y’ukugira ico dushikirije ku bijanye n’amagara y’umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli ariko twebwe twisunga amasanamu tubona ahanwahanwa mu migwi ya Whatsapp kuva ku wa 13 Ntwarante mu 2021.

Ayo masanamu avugirwamwo ururimi rw’igiswahiri yakuwe mu kiganiro NIPASHE WIKENDI c’imboneshakure Citizen yo muri Kenya. Mu gutangura iyo nkuru y’umumenyeshamakuru Gatete Njoroge, abandi bamenyeshamakuru babiri bavuga bati: “Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yasubiye kuboneka ku mugaragaro inyuma y’ibihuha ku bijanye n’amagara yiwe. John Pombe Magufuli yaciye aboneraho akaryo ko kurahiza abategetsi bo muri Reta hamwe n’abo yari ahejeje kugena mu buserukizi bwa Tanzaniya mu makungu. Yabasavye gukora akazi kabo nk’uko bisanzwe”.

Abo bamenyeshamakuru basigura ko Abanyetanzaniya, bakurikiye ikibiriraho gusubira kuboneka kwa John Pombe Magufuli, bagaragaje umunezero wabo kubona umukuru w’igihugu wabo akiriho.

Amasanamu, ibivugwa mu masanamu hamwe n’uko ivyo vyabaye ikibiriraho ku bimenyeshamakuru vyo muri Tanzaniya vyadufashije kubona ningoga ko ayo masanamu ari ay’ikindi gihe. Ayo masanamu avuga ibintu vyabaye ku wa 20 Gitugutu mu 2019. Ico gihe, umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli yari amaze imisi ataboneka, haca hatangura gukwiragizwa ibihuha vy’uko yajanywe mu mahanga ubutarariye kubera indwara y’umutima. Udatohoje neza, vy’ukuri, urashobora kwibaza ko ari bishasha vyabaye.

Twararonse n’ayo masanamu ya Citizen Kenya yashizwe ku wa 20 Gitugutu 2019 ku rubuga rwa Twitter hamwe no kuri Youtube.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *