Amatora muri CNDD-FDD : Abagumyabanga barasubira kubuzwa gutora?

Abanywanyi ba CNDD-FDD bahamagariwe gutora abarongora abandi muri uwo mugambwe ku mitumba yose igize igihugu c’Uburundi kuri uwu wa gatandatu. Ariko, abagumyabanga benshi, harimwo abarongoye abandi, bahishijwe ko ari isekeza ritanguye ryo gusubiriza inzego zose z’umugambwe hisunzwe imbibe nshasha z’intara. Ikindi kibabaza abanywanyi bamwe bamwe b’uwo mugambwe uri ku butegetsi ni uko bashobora kwakwa uburenganzira bwo kwitorera ababarongora ahubwo bagategekwa kwemeza amazina y’abantu babazaniye. (Le Mandat)

Abagumyabanga bo mu mugambwe CNDD-FDD bibaza ko bazohabwa abantu batazi iyo bagenewe ngo bemeze mu gukoma amashi ko bagiye kubarongora mu mugambwe ku mitumba itandukanye y’igihugu nk’uko vyagenze mu vyiswe amatora yo mu mazone aheruka. Abo banywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi basigura ko ata mwanya wo kwiyamamaza umugambwe wigeze utanga. Gushika kuri uwu wa gatanu mw’ijoro, benshi mu bagumyabanga, harimwo n’abari basanzwe barongoye abandi mu nzego zitandukanye z’umugambwe CNDD-FDD mu mihingo itandukanye y’igihugu, ntibari bazi ingene ayo “matora” atunganijwe. Kiretse ko ibijanye n’abazohagarikira ayo matora hamwe n’abazokwitoza bitigeze bitunganywa, ubutumwa bahawe hakaba harimwo ibinyoma.

Babahenze ko bazosubiriza abakoze nabi hamwe n’abagiye mu yandi mabanga, …

Mu butumwa bahawe kuri uwu wa kane, biciye mu manama hamwe no ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, abanywanyi bose b’umugambwe CNDD-FDD harimwo n’imvukira zo ku mitumba itandukanye igize igihugu, bahamagariwe kwitabira igikorwa co “gushinga inzego z’umugambwe ku mitumba itazifise mu ntumbero yo kujana n’indinganizo nshasha y’igihugu, gusubiriza abagiye mu yandi mabanga hamwe no gusubiriza abariko bakora nabi”. Ubwo butumwa bukaba bwashimangira ko imvukira zitohara muri ivyo bikorwa ku mitumba zivukako. Abagumyabanga babwiwe kandi ko ayo “matora” azoba isaha icenda z’umuhingamo.

Soma n’iyi Burundi : Ubwo imbonerakure zizokonywa inyuma yo gusubira kuziha Motorora?

Ariko rero, amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse ni uko ayo bise amatora ahava aba igihe c’isaha zine zo mu gatondo kuri uwu wa gatandatu. Bamwe mu bagumyabanga bo mu nzego zo hejuru babimenyeshejwe, abandi benshi nabo ntavyo bazi kuko ntibinakenewe ko bayitabira bose kubera ko azoba ari ugukomera amashi abashirwa imbere nk’uko amasoko yacu abitumenyesha. Ayo bise amatora aza gutuma haba inzego nshasha za CNDD-FDD kuri buri mutumba na karitiye zisanzwe zigizwe n’abantu batandatu : umunyamabanga w’umugambwe, icegera ciwe, umwanditsi, uwurongoye abakenyererarugamba aribo bigeme n’abakenyezi, uwutwara imbonerakure arirwo rwaruka hamwe n’uwurongoye abahumure kenshi usanga ari abahoze ku rugamba. Ikindi twamenye ni uko abashirwa muri ayo mabanga ku mitumba aribo bazogenda “baratoranamwo” abazorongora umugambwe mu zindi nzego gushika ku rwego rw’igihugu. Ibijanye n’ayo bise amatora bikaba biri mu vyapfundikiwe mu nama iheruka kubera mu ntara ya Muramvya kw’igenekerezo rya 19 muri uku kwezi kwa Rusama yahuje indongozi z’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, mu ntara no mu makomine yose agize igihugu. Iyo nama yari irongowe n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe uri ku butegetsi Révérien Ndikuriyo.

Soma iyi nayo Burundi : Ingene Jenerari Bunyoni “yafashwe”.

Iryo shirwaho ry’abategetsi bashasha ba CNDD-FDD, ririko riridogerwa n’abagumyabanga, ritegekanijwe kuba ku nzego zose z’uwo mugambwe uri ku butegetsi ryisunze imitumba 3041 (yavuye ku 2911), amazone 450 (yavuye ku 399), amakomine 42 (yavuye kw’119) hamwe n’intara 5 (zavuye kuri 18) vyo mu ndinganizo nshasha izokoreshwa no mu matora araba igihugu c’Uburundi yo mu 2025 no mu 2027.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *