Inyinyurana hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni : Imisi itatu yo kwisuganya kwa Jenerari Silas Ntigurirwa

Gushika mw’ijoro ryo ku musi wa kane, Jenerari Alain Guillaume Bunyoni yari akiri ku muhana kwa Jenerari Silas Ntigurirwa i Bujumbura ku bw’amasoko yacu. Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yari yahunze muhira iwe imisi ibiri imbere y’uko inzego z’umutekano zija kumusaka kubera ko umugwi w’abafise ipete rya Général, Alain Guillaume asanzwe arimwo, bari bamenye itegurwa ry’ifatwa ryiwe ku bw’amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat. “AbaGénéraux baciye bafata ingingo y’uko Jererari Alain Guillaume Bunyoni aba arakinjuriye kwa Jenerari Silas Ntigurirwa mu kurindira ikiva mu biganiro hagati y’impande zibiri bivamwo. Uwurongoye urwego rukuru rw’intwaramiheto Jenerari Prime Niyongabo niwe yari yagenywe kuba umuhuza w’izo mpande zibiri, urwa Ndayishimiye n’urwa Bunyoni.” Ariko rero, izo mpande zibiri ntizahuje ku bw’amasoko yacu. “Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashaka ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni atabwa mu mvuto yagirizwa kunyonora amatungo y’igihugu hamwe no guhungabanya umutekano w’igihugu kuko amwagiriza kugerageza kumuhirika. Ariko abaGénéraux ntibari bashigikiye na gato icipfuzo ca Evariste Ndayishimiye.” Ku bw’ayo masoko, gushika inyuma y’umutaga wo ku wa kane, abaGénéraux basaba ko Jenerari Alain Guillaume Bunyoni arenguka imbere y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ariko bagaca bamureka agataha. Ndayishimiye nawe ati “Oya. Ni yarenguka, nca ndamupfunga.” Iryo nyinyurana ntiryahavuye ribandanya.

Soma n’iyi Burundi : Ni nde azokurikirana umukuru w’igihugu Ndayishimiye “ahemukiye igihugu”?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *