Seif Ntakamurenga yahambwe ku wa 1 Ruheshi 2026, inyuma y’aho apfiriye mw’ijoro ryo ku wa 31 Rusama 2026 amaze hafi indwi ari ikiruruma. Nk’uko amakuru ava mu masoko atandukanye avyemeza, uwo mugabo w’imyaka 45 yafashwe mw’ijoro ryo ku wa 27 Rusama n’Imbonerakure, aca ajanwa hamwe n’umugenzi wiwe w’umukenyezi mu kibanza gitunganya amazi mabi co mu Buterere. Bose uko ari babiri boba barashurashujwe ku nguvu, imbere y’uko Seif akubitwa cane n’imbonerakure zikamusiga ari intere. (Le Mandat)
Amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse avuga ko vyose vyatanguye mw’ijoro ryo ku wa gatatu, igenekerezo rya 27 Rusama 2026, muri zone Buterere, isanzwe iri muri komine Ntahangwa, mu ntara ya Bujumbura. Muri iryo joro, Seif Ntakamurenga n’umugenzi wiwe w’umukenyezi baguye mu vyara vy’umugwi w’Imbonerakure — urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD — uvugwa ko wari urongowe n’uwitwa Elie nk’uko vyemezwa n’amasoko yacu. Ivyo vyabereye hafi cane y’urugo rwa nyakwigendera.
Bafatiwe kw’irembo ry’urugo
Hari nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, Seif Ntakamurenga n’umugenzi wiwe w’umukenyezi bagira binjire mu rugo aho Seif yari asanzwe aba muri Buterere ya mbere. Ni ho, nk’uko amasoko yacu abivuga, Elie n’izindi Mbonerakure bari kumwe bahagarika abo babiri maze babasaba kubereka amakarata karangamuntu yabo.
Seif yabasiguriye ko boshobora kwinjira mu nzu bakayazana. Ariko rero, nk’uko ayo masoko nyene abandanya abivuga, ico ciyumviro camiriwe kure n’izo mbonerakure. Elie aca ategeka ko Seif n’uwo bari kumwe bajanwa ku kibanza gitunganya amazi mabi co mu Buterere, aho bita “Ku ma bassin”, kubera ibidengeri binini vyakira amazi acafuye ava mu bice bitandukanye y’igisagara ca Bujumbura.
Barashurashujwe ku nguvu hanyuma baratandukanywa
Nk’uko amakuru ava mu masoko yacu abandanya abivuga, bamaze gushikanwa muri ico kibanza, bose uko ari babiri, Seif Ntakamurenga n’umugenzi wiwe w’umukenyezi barashurashujwe ku nguvu n’Imbonerakure.
Uwo mukenyezi yaciye arekurwa. Seif nawe akubitwa bikomeye ibibando gushika aho adashobora no kwinyiganyiza. Zimaze kwibaza ko yapfuye, izo mbonerakure zaciye zimuta ngaho ziragenda, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.
Ububabare yabumaranye imisi
Izo mbonerakure zimaze kugenda, Seif Ntakamurenga yararabutse. N’aho yari ameze nabi cane, yarashoboye kwandara asubira iwe, aho amagara yiwe yagumye arushiriza kwunyuka uko iminsi yiyongera.
Nk’uko ababanyi babivuga, uwo yari asanzwe ari kimyozi hagati mu gisagara ca Bujumbura yatanguye kuza araboroga cane kuva ku wa kane kubera ububabare kandi ntiyari agishobora gufungura neza kuko ata kayabagu yari agifise. Umubiri wiwe wabonekako kandi ibimenyetso vyinshi vy’inkoni n’ibidunduri.
Ku wa Mungu, afashijwe n’ababanyi n’abagenzi, yarashoboye kuja kwa inakuru, asanzwe aba aho nyene mu Buterere, kugira ngo bagerageze gutunganya neza uko yofashwa mu kwivuza. Ariko Seif yaje gupfa mw’ijoro ryo kuri uwo wa Mungu nyene, igenekerezo rya 31 Rusama rishira ku wa mbere igenekerezo rya 1 Ruheshi 2026.
Inyuma y’aho, umuporisi w’inyamiramabi yari ajejwe gukurikirana iyo dosiye yasavye ko ikiziga ca Seif Ntakamurenga gipimwa. Ivyo bipimo vyabereye ku bitaro Prince Régent Charles. Nk’uko amakuru ava mu begereye iyo dosiye abivuga, ivyo bipimo vyoba vyerekanye ko Seif Ntakamurenga yazize amahiri yakubiswe.
Umwe mu bagirijwe ayo mabi yajanywe mu Mpimba
Inyuma y’iminsi mikeyi yamaze apfungiwe mu gasho ko muri zone Buterere, Elie, avugwa ko ari umukuru w’Imbonerakure muri ako gace, yaciye ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Nk’uko amasoko yacu abivuga, izindi mbonerakure zivugwa muri iyo dosiye ntizari bwafatwe gushika igihe iyi nkuru yandikwa.

Isi ntisakaye Kandi amaraso arahuma