Iryo fatwa ry’abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana ryatanguye kwibokeneza kuva mw’ijoro ry’uwa 31 kigarama mu mwaka uheze w’i 2025. Amasoko yacu atandukanye avuga ko iryo hagarikwa rikorwa n’urwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD rufadikanije na bamwe mu bari mu nzego z’igiporisi bakoresheje iterabwoba. (Le Mandat)
Muri komine Cibitoke y’intara nshasha ya Bujumbura, abantu bane bo mu muryago umwe bahoze ari abayoboke b’umwigeme Zebiya barafashwe hadakurikijwe amategeko mw’ijoro ry’uwa 31 kigarama 2025 mu gihe abanyagihugu bariko bitegurira kwinjira mu mwaka mushasha w’i 2026. Amasoko yacu avuga ko, ico gihe, bamwe mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi bari kumwe n’abaporisi binjiye mu rugo bafata abantu bane bahasanze ari bo Jean Nduwimana, Nsanzugwimo Idephonse, Abdul Ntunzwenayo na Gloriose Ndikumwenayo.
Nta kintu na kimwe cigeze cerekanwa n’abaje kubahagarika kandi gushika ubu abegereye uwo muryango ntibigeze bamenyeshwa iyo bajanywe. Bakavuga ko bafise amakenga menshi ko ababo bashobora kugirirwa nabi na burya bajanywe ahantu hatazwi.
Ibikorwa nk’ivyo vyarakozwe kandi no mu ntara ya Butanyerera, neza na neza muri komine Matongo aho hari abagabo batatu ari bo Claude Ndikumana, Jean Paul Nuwarugira na Jonas Ndahiro bafashwe mu bucagucagu bw’uwa Mungu w’igenekerezo rya 4 Nzero muri uwu mwaka w’i 2026. Amasoko yacu akemeza ko ata kintu na kimwe cigeze cerekanwa n’abaporisi n’imbonerakure mu gihe baja kubafata.
Uruhigi ruriko rukorerwa abayoboke bahungutse bavuye muri Kongo
Ku bw’amakuru atandukanye dukura mu begereye imiryango y’abafashwe, iryo hagarikwa ry’agasakisaki ririko rikorerwa cane cane abayoboke ba kera ba Zebiya Ngendakumana baherutse guhunguka bavuye mu gihugu ca Repuburika ya Demokarasi ya Kongo aho benshi mu bayoboke bari barahungiye mu myaka iheze.
Indongozi zoba zikeka abo bahoze ari abayoboke ba Zebiya ko basubiye mu bikorwa vy’amasengesho atemewe n’ubutegetsi bw’Uburundi. Ariko n’aho biri uko, abegereye imiryango y’abo bafashwe barahakana ivyo bagirizwa. Abo banyagihugu bemeza ko ivyo bikorwa vy’amasengesho bigwanywa n’ubutegetsi bw’Uburundi babihagaritse kuva kera. Umwe mu begereye imiryango y’abafashwe avuga ati : “Ivyo bikorwa vy’amasengesho atemewe barabihagaritse, haraciye imyaka myinshi, bariko bazira ubusa.”
Ibikorwa vyo gufata “abayoboke ba Zebiya” vyarabaye no mu mwaka w’i 2025
Urwo ruhigi rw’”abayoboke ba Zebiya” si ubwambere rubaye. Mu mwaka w’i 2025, bamwe muri bo barafashwe mu buryo nk’ubwo nyene mu kwezi kwa Gitugutu cane cane abaheruka gutahuka bavuye muri Kongo. Abo bafashwe baratwawe gupfungwa igihe c’indwi, abandi bamara amezi bapfungiwe ahantu hatazwi aho imiryango yabo itari yemerewe kubabona.
Bamwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bakavuga ko ivyo bikorwa binyuranye n’amategeko kandi ko biri mu mabi yo guhungabanya agateka ka zina muntu mu gihe umuntu adashizwe imbere y’ubutungane ngo yisigure ku vyo yagirizwa.
Akamo ko kubarekura n’agacerere k’indongozi
Abegereye imiryango y’abahagaritswe batera akamo indongozi z’Uburundi ngo bakore ibishoboka vyose kugira ngo abo banyagihugu barekurwe canke ngo bashirwe imbere y’ubutungane kugira bamenye ivyaha bagirizwa bongere bahabwe n’umwanya wo kuvyisigurako.
Gushika ubu, nta mutegetsi n’umwe mu gihugu canke uwujejwe umutekano aragira ico avuze kuri iryo fatwa ry’”abanyoboke ba Zebiya Ngendakumana”. Ako gacerere kadasanzwe kakaba gateye amakenga menshi n’ubwoba abegereye imiryango y’abafashwe aho bikeka ko bashobora kugirirwa nabi.
Mu bice bitandukanye vy’igihugu birimwo abahoze ari abayoboke ba Zebiya Ngendakumana hakaba harangwa ubwoba bwinshi, bikeka ko nabo bashobora guhagarikwa umwanya uwo ariwo wose.
