RED-Tabara ngo Abarundi ntibakwiye kuguma bahanze amaso ONU

Umuvugizi w’igisirikare c’uwo muhari witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi ni we yabivugiye mu kiganiro twagiranye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Nyakanga 2024. Twari tumubajije aho RED-Tabara ihagaze mu bijanye n’ukwongereza canke kureka kwongereza ikiringo c’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Patrick Nahimana yatwishuye ati “ONU iyo iba ifise akamaro kanini, Abarundi tuba twaratashe. Abarindiriye ONU bararindira, nayo abashaka gutaha baraza tubirwanire. Ko iyo ntumwa ya ONU igumaho canke ikahava, ivyo ntaco bitubwiye twebe. Ivyo turwanira twarabivuze, barabizi.”

Umuhari RED-Tabara waheruka kuvuga, mw’itangazo ryawo ryo ku wa 25 Nyakanga 2024, ko igisirikare c’Uburundi cari kimaze kubura abasirikare barenga 20 mu ntambara zari zimaze imisi zibera mu karere ka Itombwe mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko iri mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo. Umuhari RED-Tabara ukaba wasiguye ko mu kuwurwanya, igisirikare c’Uburundi cariko gifashwa n’imigwi iri muri ico gihugu harimwo abarwanyi b’abanyarwanda ba FDLR hamwe n’abarwanyi b’abanyekongo ba Wazalendo Yakutumba.

Twaciye tubaza Patrick Nahimana igitigiri c’abarwanyi ba RED-Tabara bamaze guhitanwa n’izo ntambara, aca atwishura ko hamaze gukomereka 3 gusa. Umuvugizi wa RED-Tabara Patrick Nahimana arishura n’ibindi bibazo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *