Umukozi umwe w’Ibanki ya Repuburika y’Uburundi arapfunzwe kuva ku musi wa kabiri inyuma yo gufatanwa amafaranga y’amadorari ibihumbi mirongo ibiri na kimwe. Kuri uwo musi mu gatondo, harabaye isakwa ry’abakozi bose bo muri iyo banki. Iyo ngingo ikaba yafashwe kubera ko, ku munsi wa mbere, hari hibonekeje ukubitsa kudasanzwe kw’amafaranga mvamahanga mu makonte y’abakozi bamwe bamwe. (Le Mandat)
Ku musi wa mbere, abarongoye Ibanki ya Repuburika y’Uburundi babonye ku makonte y’abakozi bamwe bamwe bo muri iyo banki habitswe amafaranga atari make y’amadorari kuri uwo musi nyene. Ivyo ngo vyarateye amakenga abarongoye iyo banki kuko bitari bisanzwe. Uwo musi, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yari ahejeje gufatira ingingo ruhasha abakorera mu tuzu tuvunja amafaranga aho yabagirije ko badakora igikorwa co kuvunja ahubwo baguma begeranya amafaranga mvamahanga y’agaciro bakabika. Ikindi yabagirije ni uko imitahe bakoresha atari rwabo ahubwo ari iy’abandi bantu badaseruka. Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat avuga ko abo barongoye Banki Nkuru y’Igihugu bigize nk’uko batabonye ko hongerekanye bimwe bidasanzwe amafaranga y’agaciro yabitswe ku makonte atandukanye y’abakozi ariko, bukeye bwaho, …
… abakozi bose bazindutse basakwa
Batonze mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, abakozi bose bagiye babona batangura gusakwa. Ku bw’amasoko yacu, isakwa ryaba hose uhereye mu miduga, aho n’intebe zavyurwa, n’ibirimwo bigasambagurwa, gushika no mu mpuzu aho abari bajejwe gusaka bakabakaba hose.
Umwe mu bakozi bo muri Banki Nkuru y’Igihugu yasanganywe amadorari ibihumbi mirongo ibiri na kimwe (amadorari 21.000) yaciye atabwa mu mvuto ku bw’amasoko yacu. Hari abandi bakozi bo muri iyo banki ngo basanganywe amadorari make make, ava ku majana agashika ku gihumbi. Ayo masoko nyene abandanya atubwira ko, kuri uwu wa gatatu, vyari bitegekanijwe ko abakozi ba BRB bari babitse amadorari ku makonte yabo ku musi wa mbere baja kwisigura imbere y’Urwego rw’Igihugu rujejwe Iperereza mu bijanye n’Ubutunzi bita mu gifaransa Cellule Nationale du Renseignement Financier.
Soma n’iyi Burundi : Ubwo amasezerano hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?
Ivyo bibaye haheze imisi mike umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye agabishije aboba baranyegeje amafaranga y’agaciro ko nabo nyene azobafatira ingingo ruhasha inyuma y’aho afatiye ingingo iriko iratera zuguruzuguru mu gihugu yo guhindura inoti z’ibihumbi bitanu na cumi vy’amarundi.