Ikiziga ca Singirincuti Aloys batazira Numa cahambwe mu ndwi iheze mu micungararo y’ikibanza citwa “Ku Mase” ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika. Umuryango w’uwo mukozi wa kaminuza y’Uburundi wari wabuze iyo yarengeye kuva kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma. Abakozi b’urwego rw’iperereza ry’Uburundi nibo bikekwa ko bamwishe. (Le Mandat)
Umusi aburwa irengero, Singirincuti Aloys batazira Numa yari yahamagawe kuri terefone n’umugenzi wiwe yitwa Anaclet asanzwe ari umukozi w’iperereza ry’Uburundi. Amakuru dukura mu kigo ca Kaminuza co ku Mutanga aho Numa yari asanzwe akorera akazi k’ubunyezamu avuga ko kuva kuri iyo tariki ya 27 y’ukwezi kwa kabiri ata wasubiye kumukubita ijisho. Umwe mu bakozi bo mu kigo co ku Mutanga yatubwiye ati “Anaclet yamuhamagaye ngo basangire agacupa ariko amaso yabaye ayo.”
Umuryango wiwe ngo wari wituye inzego za kaminuza y’Uburundi hamwe n’igiporisi ariko bawishura ko bazowufasha kumurondera ariko nta cavuyemwo.
Amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryahavuye rironka ni uko mu ndwi iheze, ikiziga ca Singirincuti Aloys batazira Numa catowe mu micungararo y’ahazwi cane kw’izina ryo “Ku Mase” camaze kwononekara cane. Abajejwe intwaro muri ico gice gikukira quartier industriel iri muri zone Ngagara yo muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura ngo baciye bafata ingingo yo guhamba ico kiziga aho nyene hasanzwe ari ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika.
Umutambukanyi wiwe yakubitiwe kuri kaminuza
Muri iyi ndwi, umugore wa Singirincuti Aloys yarakomeretse cane inyuma y’ugukubitwa n’abajejwe umutekano mu kigo ca kaminuza y’Uburundi co ku Mutanga basanzwe ari abasivire. Amakuru twahakuye ni uko yakubiswe kubera ko, amaze kumenya ko umugabo wiwe bamutoye ikiziga, yaciye aja kwishuza amafaranga angana umuriyoni umwe asanzwe ahabwa umuryango uba wabuze umuntu yakora muri kaminuza y’Uburundi. Ayo mafaranga, kaminuza y’Uburundi ngo isanzwe iyatanga kugira afashe mu bikorwa vyo gushingura uwapfuye. Ayo mafaranga, abarongoye kaminuza y’Uburundi ngo barayamwimye.
Ntitwashoboye kuronka umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Audace Manirabona. Bamwe mu bakozi bo mu kigo co ku Mutanga ca kaminuza y’Uburundi basaba ko umuryango wa Singirincuti Aloys uhabwa ivyo urekuriwe n’amategeko hanyuma amatohoza agahera ku mukozi w’iperereza bazi kw’izina rya Anaclet kugira ngo intahe ikubite mu gahanga abamugandaguye.
Uwo mukozi w’iperereza azwi kw’izina rya Anaclet cokimwe n’abarongoye iperereza ry’Uburundi ntitwashoboye kubaronka.
Singirincuti Aloys batazira Numa yari asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD. Yaba muri zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura ariko yavuka muri komine Ruhororo mu ntara ya Ngozi.