Abantu barenga 70, bari bafatiwe mu Rumonge, bageze mu Mpimba

Abanyagihugu bangana 76 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba muri kino gihe ni abari bafatiwe muri karitiye Kanyenkoko mu gisagara ca Rumonge, hari kw’igenekerezo rya 22 gitugutu. Ico gihe, bagirijwe gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu hamwe no gukorana n’abansi b’igihugu inyuma y’ugufatanwa amafoto y’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD Hussein Radjabu.

Abangana 40 baciye baja gupfungirwa mu nyubakwa z’iperereza mu gisagara ca Bujumbura aho baborejwe igufa bikomeye. 36 nabo bari bapfungiwe muri komisariya y’igiporisi mu ntara ya Rumonge.

Ku wa 31 gitugutu 2022, umugabo bita Diyo wo muri zone Nyakabiga, vyavugwa ko yoba yari mu babarongoye, yoba yahavuye agandagurwa n’iperereza ry’Uburundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *