ACP-UE : Amasezerano ya Cotonou azohinduka amasezerano y’i Samoa bitarenze mu kwa gatandatu?

Inyuma y’ugusinywa ivy’imfatakibanza n’abaserukiye impande zibiri, haraheze imyaka ibiri, umusi ku wundi, amasezerano y’i Cotonou aratevye gusinywa n’izo mpande arizo Ubumwe bwa Buraya hamwe n’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika, Karaibe na Pasifike. Ivyo bihugu tuvuze ubwanyuma vyovyo vyaratunganije ibisabwa vyose ariko Ubumwe bwa Buraya buguma bukwega amaguru. Mu nama iheruka y’abashingamateka b’uwo muryango ugizwe n’ibihugu 105, bamwe mu bashingamateka barashikirije iciyumviro cabo co kubona Ubumwe bwa Buraya bwongereje akariro mu gutunganya ibisabwa.

Ibitarahera gutunganywa mu Muryango wa Buraya nivyo bituma Amasezerano y’inyuma y’aya Cotonou adasinywa kandi abaserukiye izo mpande zibiri barayemeje ivy’imfatakibanza kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza mu 2020. Mu ntango, ibihugu bimwe bimwe vya Buraya harimwo icitwa Hongrie vyarerekanye ko bifitiye amakenga amasezerano mashasha na cane cane mu bijanye n’ikibazo c’abimukira. Ariko, kugira ngo ayo masezerano aje mu ngiro, umuryango wose wa Buraya ugizwe n’ibihugu 27 utegerezwa kuyumvikanako.

Abanyaburaya barahumuriza

Kubera ko yari yagiye i Kiev mu gihugu ca Ukraine, uwurongoye inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya, Roberta Metsola, yasize yifashe amasanamu yerekanywe mu gutanguza inama igira 41 y’abashingamateka b’impande zibiri. Muri ayo masanamu yaragerageje guhumuriza. Yavuze ati : “Nibaza ko ayo masezerano mashasha azosinywa n’impande zose kugira ngo mu nama izokwirikira tuzobe turiko dukorera ku mategeko mashasha”. Ku ruhande rwiwe, uwurongoye iyo nama nshingamateka ku ruhande rw’Ubumwe bwa Buraya Carlos Zorrinho abona ko vyihuta gusinya ayo masezerano “yamaze kwumvikanako haraheze imyaka ibiri”. Nawe yavuze ati : “Ndizeye, ni ukuri, ko bizoshoboka ko ayo masezerano asinywa imbere y’uko ikiringo c’Ubufaransa kirangira”. Bisigura ko, uwo munya Portugal yizeye ko ayo masezerano ashobora gusinywa imbere y’uko ukwezi kwa gatandatu guhera kuko ikiringo c’Ubufaransa ku burongozi bw’Inama y’Ubumwe bwa Buraya buzohera ku wa 30 Ruheshi. Ni ku wa 30 Ruheshi uwu mwaka w’2022, Amasezerano y’i Cotonou nayo nyene azorangira inyuma y’ukwongerwa ikiringo kiretse ayo masezerano mashasha asinywe imbere yaho.

Ibihugu vya ACP biguma bisatira

Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika, Karaibe na Pasifike nta kindi ririndiriye atari uko Ubumwe bwa Buraya bwotunganya ibisabwa. Umunyamabanga mukuru aserukira ivyo bihugu Georges Rebelo Pinto Chikoti yavugiye muri iyo nama nshingamateka ati : “Turatewe impungenge n’ugucererwa kwimonogoje kw’Ubumwe bwa Buraya mu gutunganya ibisabwa vyotuma amasezerano asinywa”. Uwo asanzwe afise ubwenegihugu bwa Angola yaribukije ko ibihugu vya Afrika, Karaibe na Pasifike vyamaze kuvuga aho bihagaze ko ayo masezerano mashasha azokwitwa Amasezerano y’i Samoa kandi ko “vyizeye ko ibikorwa vyo kuyasinya bizobera i Apia ku murwa mukuru w’iyo Reta yigenga ya Samoa”.

Ugucererwa gusinya vyotuma amasezerano mashasha atakaza agaciro ka poritike?

Ico kibazo carabajijwe mu kiganiro cahawe abamenyeshamakuru ku wa mbere Ndamukiza ibikorwa vy’inama nshingamateka bigira bitangure. Ku ruhande rw’ibihugu vya ACP, uwurongoye inama nshingamateka Peter Kenilorea yishuye ko abo arongoye biteguye gutanga intererano iyo ariyo yose kugira ngo ibintu bibandanye bija imbere. Yongeyeko ati : “Ntitwibaza ko ukwikwega kw’ibikorwa bishobora kugira ingaruka ku mugwi wacu. Nibaza ko twebwe ku ruhande rwacu twamaze kwerekana ko ico twipfuza vyoroha kugihurizako tukaza dufise intumbero rusangi no ku bindi bibazo mpuzamakungu”. Ku ruhande rw’Ubumwe bwa Buraya, uwurongoye iyo nama nshingamateka rusangi Carlos Zorrinho yasa n’uwusigura ko ugucererwa bitumwa n’uko amasezerano mashasha arimwo ibintu vyinshi bishasha ariko akizera ko bizodadanuka imbere y’uko igihugu c’Ubufaransa kirangiza ikiringo caco mu burongozi bw’Inama y’Ubumwe bwa Buraya.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *