Ubufaransa : Macron na Le Pen nibo bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

Emmanuel Macron niwe yaje mu kibanza ca mbere, akwirikirwa na Marine Le Pen mu matora yo ku musi w’Imana kw’igenekerezo rya 10 Ndamukiza mu 2022. Abo babiri, baronse amajwi menshi kurusha abandi, nibo bazoca bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu gice ca kabiri c’ayo matora.

Ku wa 24 Ndamukiza, niho hategekanijwe igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu mu Bufaransa. Mu gice ca mbere cabaye kuri uwu wa Mungu, umukuru w’igihugu wo muri kino gihe, asanzwe ari mu mugambwe La République en marche, Emmanuel Macron yaronse 27,6% vy’amajwi. Abamutoye barenga imiriyoni icenda n’igice. Uwa kabiri Marine Le Pen, wo mu mugambwe Rassemblement National aronka 23,41% vy’amajwi. Abanyagihugu bamutoye barenga imiriyoni umunani. Uwabaye uwa gatatu muri ayo matora ni uwitwa Jean Luc Mélenchon wo mu mugambwe La France insoumise yaronse 21,95% vy’amajwi. Amajwi yaronse akaba arenga imiriyoni indwi n’igice. Abandi bari bitoje bakurikanye uku: Eric Zémmour, Valérie Pécresse, Yannick Jadot, Jean Lassalle, Fabien Roussel, Nicolas Dupont-Aignan, Anne Hidalgo, Philippe Poutou na Nathalie Arthaud.

Emmanuel Macron na Marine Le Pen nibo bari bahiganiwe ikibanza c’umukuru w’igihugu mu gice ca kabiri c’amatora yo mu 2017. Ico gihe Emmanuel Macron niwe yatsinze.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *