Van Damme agiye guserukira Kongo

Yari amaze imisi muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo atumweko n’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi. Umukinyi w’amareresi Van Damme yarangije urugendo rwiwe ahawe urupapuro rw’inzira rw’abanyecubahiro bita passeport diplomatique mu rurimi rw’igifaransa. Kuva ubu, Jean Claude Van Damme agiye guserukira Repuburika ya Demokarasi ya Kongo mu bisata bitandukanye.

Guhera ubu, Jean Claude Van Damme afise igikorwa co guserukira Repuburika ya Demokarasi ya Kongo mu makungu aho azokwerekana isura y’ico gihugu mu bijanye n’inkino, imicokama, ibidukikije hamwe n’intwaro ibereye. Mu vyo azokora harimwo n’uguhamagarira ibindi bihugu, amashirahamwe hamwe n’abantu ku gatwe kabo kuzana imitahe yabo muri ico gihugu. Igihe yahabwa ico cangombwa, Jean Claude Van Damme yavuze ko agiye gushinga vuba umugwi urimwo Abanyekongo bazomufasha muri ivyo bikorwa.

Umubirigi Jean Claude Van Damme yavuze kandi ko azogira Kongo igihugu c’iratiro mu guhamagara abantu rurangiranwa kw’isi kukigendera. Aha yavuze ko azogerageza kugondoza Stallone, abatari bake bita Rambo, Schwarzenegger, bamwe bita Commando, Jennifer Lopez, Jacky Chan, abakinyi b’umupira w’amaguru nka Lionel Messi, Christiano Ronaldo n’abandi.

Jean Claude Van Damme ubu akaba ari mu gukwiza imyaka 61 kuko yavukiye ahitwa Berchem-Sainte-Agathe i Bruxelles mu Bubirigi kw’igenekerezo rya 18 Gitugutu mu 1960.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *