Intumwa idasanzwe ku Burundi : Gaetan Zongo yemejwe.

Niwe yari yahiswemwo n’uwurongoye inama y’agateka ka zina muntu ya ONU akoreye ku vyo umugwi ujejwe kugosora wari wamusavye. Igenwa rya Fortuné Gaetan Zongo nk’intumwa idasanzwe ku Burundi ryemejwe n’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu.

Hari hasigaye gusa ko izina ryiwe ryemezwa mu nama y’agateka ka zina muntu igira 49 inyuma y’ukugenwa, haraciye ukwezi, n’uwurongoye iyo nama ya ONU Federico Villegas. Umunya Burkina Faso Fortuné Gaetan Zongo niwe ntumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi kuva kuri uwu wa gatanu.

Uwo mugabo w’imyaka 48 ashinzwe “gusuzuma ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi no gutanga intumbero y’ivyokorwa kugira kubahirizwe kurusha, kwakira, gusuzuma no kurimbura amakuru atangwa n’impande zose yisunze ivyakozwe n’Umugwi w’Amatohoza, guhanura Reta y’Uburundi kugira ngo yubahirize agateka ka zina muntu yisunze amasezerano mpuzamakungu, guhanura no gufasha amashirahamwe yigenga hamwe n’Umugwi w’Igihugu Wigenga w’Agateka ka zina muntu gushira mu ngiro neza igikorwa cawo co gukingira no gutsimbataza agateka ka zina muntu”.

Mu mezi hafi atatu ari imbere, Fortuné Gaetan Zongo asabwa gutanga icegeranyo c’ingene agateka ka zina muntu kazoba kifashe mu Burundi.

N’aho yatangaje ko itazokwemera ko Intumwa Idasanzwe ihonyoza ikirenge ku butaka bwayo, Reta y’Uburundi irashobora kwisubirako kubera ko yakuweko ibihano vy’ubutunzi n’Ubumwe bwa Buraya. Ikindi ni uko, burya, intumwa idasanzwe iba idafise ububasha bungana n’ubw’Umugwi w’Amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *