Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yoba amaze amezi arenga abiri yarongereje iterabwoba ku basigwa b’uwahoze ari umuhuza w’Abarundi Mohammed Rukara. Uwo amaze imyaka irenga itatu apfuye, bimwe mu vyo yasize harimwo inzu irabana n’iy’umushikiranganji wa mbere muri karitiye Mutanga Sud iri muri zone Rohero yo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Kuva abaye umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca yaravogereye cane abo babanyi biwe. (Le Mandat)
Kontenere isigaye iraramwo abaporisi bamucungera, umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yayishize mu kibanza kiri hagati y’ibarabara n’inzu y’umuryango w’umuhisi Mohammed Rukara Khalfan. Iyo konteneri irinjira no mu rupangu rw’abasigwa b’uwo yahoze ari umuhuza w’Abarundi. Mu kuyihashira, babanje kubomora uruhande rumwe rw’uruzitiro rugizwe n’isima bita béton mu gifaransa. Iyo konteneri ifatanye n’igikoni abo baporisi batekeramwo imfungurwa, naco nyene cubatswe habanje kubomorwa uruzitiro rw’urwo rupangu rw’umuryango wa Mohammed Rukara. Ikindi cashizwe muri ico kibanza inyuma y’aho umutekano wa Gervais Ndirakobuca wongererejwe ashikiriye amabanga y’umushikiranganji wa mbere ni akazu k’imbwa, gafise ivyumba bitatu, karimwo imbwa nini nini zitatu. Imbwa yose iri mu cumba cayo muri ako kazu kagizwe n’ivyuma bimeze nka grillages, bisigura ko uwuhaciye azibona. Umuryango w’umuhisi Mohammed Rukara umaze kumenya ko Gervais Ndirakobuca ariko arabomora urwo rupangu rusanzwe rubamwo abakozi gusa, yongera yubaka ivyo ashatse atawe agishije inama, ngo baciye barushira kw’isoko. Amakuru itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaronse ni uko abaranga urwo rupangu basaba imiriyaridi zine.
Abaguzi baratinya
Izo mpangu zibiri, urw’umuryango w’umuhisi Mohammed Rukara rusanzwe ruri kuri Avenue de la dynastie n’urw’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, zigabuwe n’ibarabara ry’ikaburimbo ririko rirasanurwa.
Abaje kuharaba bose ngo bahagure barahatinye bamaze kubona ibitari bike harimwo abo baporisi, ibariyeri hakurya, izo mbwa hamwe n’ivyo umushikiranganji wa mbere yahubatse abavogereye. Abandi bipfuza kuhagura batanga amafaranga make. Umwe muri bo yatubwiye ati “Arya nari natanze mbona yari akwiye kuko n’ubundi mbona kwari ukwiroha.” Umushikiranganji wa mbere ngo yahavuye amenya ko hariko haragurishwa, aca atuma intumwa zibwira abajejwe kuhagurisha ko ashobora gutanga imiriyaridi zibiri mugabo barayanka …
… inyinyurana riba riratanguye
Abajejwe kugurisha urupangu rw’umuhisi Mohammed Rukara ngo babwiye intumwa y’umushikiranganji wa mbere w’Uburundi ko imiriyaridi zine arico giciro ca nyuma, ko badashobora kwakira make kuri ayo. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika ngo yaciye ababwira ko azobereka ivyo ashoboye kuko banse kwakira ayo mafaranga. Gervais Ndirakobuca ngo yaciye ategeka ko muri urwo rupangu …
… ibiti vyose vyicirwa ata kirinze gusabwa
Haraheze indwi irenga, abakozi bazanywe n’umushikiranganji wa mbere bicira ibiti vy’ivyamwa bitandukanye biri mu rupangu rw’abasigwa ba Mohammed Rukara harimwo imyembe, indimu, amavoka n’imicungwe. Gervais Ndirakobuca ngo yasiguye ko ivyo biti bizana imibu imurira abaporisi.
Gushika kuri uwu wa gatanu, ico gikorwa catanguye mu gatondo ko ku musi wa kane w’indwi iheze nticari bwahere kuko ivyo biti vyari vyinshi muri urwo rupangu rupima are zirenga umunani rusigwa n’uwahoze ari umuhuza w’Abarundi Mohammed Rukara yapfuye mu mpera za Munyonyo mu 2019.
Twararondeye incuro nyinshi umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca ariko ntiyitavye terefone ngendanwa.