Zimaze imisi mu manama yo kwitegurira amatora yimirije. I ruhande y’inyigisho umugambwe CNDD-FDD wita iz’ugukunda igihugu, imbonerakure zo mu mihingo itandukanye zigishwa, muri kino gihe, ukudurumbanya ibikorwa vya poritike vy’abatavuga rumwe n’uwo mugambwe uri ku butegetsi. Abakerebutse kurusha abandi muri abo “bakeba” ngo ni “ukubakorerako”. Izo nyigisho ziriko zitangwa inyuma y’aho muri buri zone zigize igihugu c’Uburundi, imbonerakure zitanu zitanu ziheruka guhabwa ivyuma vyo gutumatumanako bikorana n’ivy’abajejwe umutekano bizwi cane kw’izina rya Motorora. (Le Mandat)
Motorora 2 nininini zahawe imbonerakure zifatwa ko ziri mu zikerebutse kurusha izindi muri buri zone igize igihugu c’Uburundi kuva mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Motorora nini zirenga 600, zihuye n’amazone arenga 300, nizo zahawe izo mbonerakure zijejwe gufasha mu gutanga amakuru ajanye n’umutekano mu gihugu cose. Izo Motorora nini, zakorewe mu gihugu ca Maleziya, zikorana n’ivyuma vyo gutumatumanako vy’abasirikare, abaporisi hamwe n’abakozi b’iperereza. Muri buri zone hari izindi Motorora 3 ntonto zatanguye gutangwa ku mbonerakure. Aho zitandukaniye n’izo za mbere ni uko zidakorana n’iz’abajejwe umutekano. Imbonerakure zizihabwa zivugana n’izindi mbonerakure ziri ku birometero bitarenga mirongo ibiri ku bw’amasoko yacu. Izo Motorora nto zizorenga 900 ni zahabwa imbonerakure zitatu zitatu muri buri zone.
Soma n’iyi Burundi : Imbonerakure zishe umunyagihugu, zita ikiziga mu Ntahangwa.
Mu kwezi kwa kabiri, zigitangura gutangwa, umugambwe CNDD-FDD wari wahaye uruhusha abanywanyi bawo rwo kugura izo Motorora. Motorora nini zagurwa ibihumbi 180 vy’amarundi. Zirya nto nazo zagurwa ibihumbi 150. Muri kino gihe, abanyamugambwe bari baguze Motorora nini zikorana n’iz’abajejwe umutekano bategetswe kuzisubiza. Motorora zimeze gurtyo zikaba zahawe izo mbonerakure zibiri zibiri mw’izone ku buntu. Ariko abanywanyi ba CNDD-FDD bari bamaze kugura Motorora nto z’ibihumbi 150 barazigumanye. Ubwo bwoko bubiri bwa Motorora, ico gihe, bukaba bwagurishirizwa ku ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD mu Ngagara nk’uko amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat abivuga.
Uguhohotera “abakeba”
Mu nama zimwe zimwe umugambwe CNDD-FDD ukoranya mu mihingo itandukanye kuva mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu, imbonerakure zitegekwa kudurumbanya ibikorwa vy’abatavuga rumwe na CNDD-FDD gushika mu matora yo mu 2025. Muri kino gihe, abatavuga rumwe na CNDD-FDD baboneka cane ku rubuga bakaba ari abanywanyi b’umugambwe CNL. Umwe mu bagirishije inama imbonerakure mu gisagara ca Bujumbura ngo yavuze ati “Ntimuzobemerere ko barangura ibikorwa vyabo mu mwidegemvyo. Abo muzobona bateye amakenga cane muri bo muzoce mutanga amakuru mu nzego z’umugambwe bakorerweko.” Umwe mu mbonerakure yatubwiye ko bavuze ngo bazobakorerako bisigura ko abo banywanyi ba CNL, bazoba babaye intambamyi mu bikorwa vy’ububisha vy’imbonerakure, bashobora kwicwa canke bakanyuruzwa bakaburwa irengero. Iyo mbonerakure yatubwiye ko kenshi muri ivyo bikorwa vyo kunyuruza abanyagihugu, abakozi b’iperereza baza imbere.
Soma n’iyo Muyinga : Ubwo umukenyezi, yatsindagiwemwo inshinge mu mahaha n’imbonerakure, azohava akira?
Mu myaka ya 2021 na 2022, hari habaye isekeza ryo kwaka imbonerakure ivyuma vyo gutumatumanako Motorora zari zahawe ku bw’amasoko yacu. Umwe mu mbonerakure akaba yatubwiye ko ingingo y’umugambwe CNDD-FDD yo gusubira gutanga izo Motorora izotuma abari mu yindi migambwe batoroherezwa na gato mu bikorwa vyabo.
Kw’igenekerezo rya 4 Rusama 2023, inama y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu yabereye i Génève mu Buswisi ijanye n’ugusuzuma ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi kuva mw’isuzuma ryaheruka ryo mu 2018, mu bintu birenga 280 Reta y’Uburundi yasabwe gukora, harimwo ukwaka ibirwanisho imbonerakure kuko zimwe muri izo mbonerakure zisanzwe zifise n’ibirwanisho bicira umuriro.