Ku musi wa kane, niho hari hategekanijwe ko abahuza “batowe” ku mitumba yose y’igihugu barahira imbere ya sentare z’intango. Ariko gushika kuri uwu wa gatanu, twamenye ko hamwe hamwe ariho abo bagize inama yo ku mugina barahiye. Mu gisagara ca Bujumbura, hoho, ntivyashoboka ko barahira kuri iryo genekerezo rya 15 Nyakanga ku bw’amasoko yacu avuga ko n’intonde z'”abatowe” vyari bitegekanijwe ko zimanikwa ku mirwa mikuru y’amakomine zitashobora kumanikwa mu gisagara ca Bujumbura. Imvo yoba ari uko umugambwe CNDD-FDD ugomba guhindura ivyavuye muri ayo “matora” y’abagize intahe yo ku mugina kuko henshi ku murwa mukuru w’ubutunzi, “abatowe” bava muri CNL na UPRONA. “Ahatowe” abava muri CNDD-FDD naho ngo benshi basanze ari abatize. (Le Mandat)
Mu makaritiye atandukanye agize igisagara ca Bujumbura, abaronse amajwi menshi mu bitoje mu bahuza, na cane cane, batanu ba mbere, bava mu mugambwe CNL wa Agathon Rwasa hamwe no mu mababa atandukanye ya UPRONA. Ivyo bikaba bitoba umukenyuro wa CNDD-FDD kuko, ku bw’amasoko yacu, uwo mugambwe uri ku butegetsi wari wategekanije ko, vyanka bikunda, hose ku mitumba no mu makaritiye, n’imiburiburi 5 ba mbere kuri 15 baba ari abanywanyi bawo. Amasoko yacu atubwira kandi ko, aho umugambwe CNDD-FDD washoboye gushika kuri iryo hangiro mu gisagara ca Bujumbura ari cane cane mu buseruko mu makaritiye ari haruguru y’ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo, ryahoze ryitirirwa uwa 28 Munyonyo (28 Novembre). Ariko naho nyene, umugambwe CNDD-FDD ngo uriko uriga ingene usubiriza abahatowe kuko ngo wasanze benshi muri bo bize amashure make cane abandi nabo ngo ntibize muri abo banyagihugu “batowe” hagwiriyemwo abakozi bo mu mazu bita ababoyi. Ababoyi mbere ngo basanzwe ari benshi mu barongoye amakaritiye muri ivyo bice. Benshi mu bakozi ba Reta bo muri ivyo bice, basanzwe barize amashure, ngo ntibitoje. Abarongoye amakaritiye aho umugambwe CNDD-FDD watsinzwe hamwe n’abarongoye uwo mugambwe muri ayo makaritiye bakaba bagabishijwe ko bashobora gukurwa mu mabanga yabo ku bw’amasoko yacu kuko …
… gutsindwa bituma haba intambamyi ku mbonerakure
Amasoko yacu avuga ko mu gihugu cose, umugambwe CNDD-FDD wipfuza ko n’imiburiburi 5 ba mbere mu majwi baba abanywanyi bawo kugira ngo bazoshobore gukingira cane cane imbonerakure zizokorera abanyagihugu amabi atandukanye kuko “mu ntahe yo ku mugina, hasasa n’imiburiburi Umugwi w’abantu batanu” ku bw’ingingo y’8 y’ibwirizwa n°1/03 ryo ku wa 23 Nzero 2021 ryunganira ingingo z’igitabo c’amategeko agenga itohoza n’iburanishwa ry’imanza z’amatati, ryerekeye ukunagura intahe yo ku mugina. Ico ni naco catumye amatora yibwe ku rugero runini cane mu gihugu cose.
Ubuhinga bwakoreshejwe mu kwiba
Abahagarikiye amatora bari abarongoye imitumba n’amakaritiye mu gihugu cose. Abo nabo henshi usanga nka bose ari abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Ku bw’amasoko yacu, abo barongoye imitumba n’amakaritiye bari bashinzwe n’umugambwe uri ku butegetsi gufasha muri ubwo busuma bw’amajwi. Amasoko y’itororokanirizo ry’amakuru “Le Mandat” avuga ko hariho abatoye mu bibanza vyinshi kugira bagwize amajwi y’abagumyabanga bitoje. Ikindi ni uko umuntu umwe yashobora gushira mw’isandugu y’amatora udupapuro twinshi akingiwe ikibaba n’abacungera amatora.
N’aho hamwe hamwe mu gisagara ca Bujumbura, ubwo busuma bwashobotse, henshi abatora n’abitoza bo mu migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD bari barikanuye ari naco gituma umugambwe uri ku butegetsi utaronse batanu ba mbere nk’uko wavyipfuza. Amasoko yacu avuga rero ko abatashe bazi ko batowe buca basanga ku ntonde handitswe abandi. Mu bibanza c’abanywanyi ba CNL na UPRONA ngo hategekanywa gushirwa abanywanyi ba CNDD-FDD, mu bibanza vy’abanywanyi ba CNDD-FDD batize ngo bazohashira abanywanyi b’uwo mugambwe bize amashure kubera ngo ari bo bazoshobora kurangura neza ibikorwa vy’abahuza.
N’aho intahe yo ku mugina itarekuriwe gushinga ibihano kandi abadashimishijwe n’ivyo yagize bashobora kwitura sentare, mu vyo ijejwe harimwo ukwakira ibirego vy’abafitaniye amatati n’ukugira ico ishikirije ku matati yose sentare z’intango zifitiye ububasha, ukwumvikanisha abafitaniye amatati mu gihe ayo matati aterekeye umutekano w’igihugu, kandi ivyakozwe bikaba bidatosekaza imico n’imigenzo myiza.
Ishingwa ry’urwego rw’abahuza bo ku mitumba no mu makaritiye mu Burundi rikaba rifuta burundu urwego rw’abashingantahe.