Burundi : Ni nde yishe Jenerari Adolphe Nshimirimana?

Mu gihe umugambwe CNDD-FDD uheruka kwibuka ubugira ndwi igandagurwa rya Riyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana, hariho abanyigihugu batazi, kugeza ubu, icatumye urya mutego uba hamwe n’abateze uwo yahoze arongoye igendereza. Ariko aravuga ibijanye n’abamugandaguye umusi wo kumwibuka, umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi yasiguye ko Adolphe yakoraniwe n’abantu benshi bari bashigikiwe n’abazungu. Le Mandat iza gushimikira ku mutego wahitanye uwo batazira “Muremure”.  

Abasirikare b’igihugu hamwe n’abasivire nibo bagandaguye Adolphe Nshimirimana ku bw’amasoko yacu. Abo Barundi, bava mu migwi itandukanye, bateguye iryo gandagurwa, babona ko Adolphe Nshimirimana yari inkingi ikomeye y’ubutegetsi bwa Nkurunziza. Ubutegetsi babona ko bwarangwa no kwica, kunyuruza, gufata agasakisaki abanyagihugu, kubaboreza igufa hamwe n’ayandi mabi yagwiriranye cane igihe hatanguye kwiyamirizwa ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Abo basirikare ba Reta hamwe n’abo banyagihugu b’abasivire babona kandi ko Adolphe Nshimirimana yagize uruhara ntangere mw’iburizwamwo ry’ihirikwa ry’ubutegetsi ku wa 13 Rusama mu 2015. Iyicwa rya Adolphe Nshimirimana rero, kuri bo, ryasigura ko ari uguca intege abari bafise intumbero yo kwigumiza ku butegetsi babandanya bacinyiza n’umunyagihugu.

Uwa 2 Myandagaro 2015, umusi nyawo

Uwo musi, Riyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana yategerezwa kuja mu nama yari yatunganijwe n’umukuru w’igihugu i Gitega. Abamutegereye bari babizi ku bw’amasoko yacu. Abo bateguye ubwo bwicanyi ngo bamukurikiraniye hafi kuva akiva muhira iwe mu Kigobe. Bitwaje ibisasu bita rokete, n’inkoho bita mu mpfunyapfunyo Mi-karashi hamwe na pistore, abasirikare 6 ngo nibo bari bamutegereye biyambitse inkofero zisa n’urwatsi rutoto bita bere vere. Amasoko yacu avuga ko abo basirikare bari mu micungararo y’ahitwa Gare du Nord kuva isaha imwe yo mu gatongo, bigira nka bamwe baba bari ku mabarabara amwe amwe iyo abategetsi bakuru bakuru bagira barengane.

Uwarashe rokete 

Uwo musirikare yari mu buraruko bw’ibitaro Roi Khaled ngo niwe yateye rokete umuduga wa Adolphe Nshimiramana ucatsa ikinyoteri co gukata ugira ufate ibarabara ry’igihugu nimero imwe. Amasoko yacu asigura ko uwo muduga wo mu bwoko bwa Toyota Hilux wari ugeze ku masanganzira y’iryo barabara ry’igihugu nimero 1, ibarabara ryitiriwe Mwambutsa hamwe n’ibarabara ry’uwa 28 Munyonyo ubu ryahinduye izina rikitirirwa Mwezi Gisabo. Umwe mu masoko yacu yatubwiye ko uwateye rokete yoba yaragize ingorane y’ubuhinga yatumye umuduga udasambuka. Iryo soko ryacu rivuga ko rokete yatewe isa nk’iyaguye ku muduga nk’ibuye.

Abandi basatirizi batatu

Abandi basirikare batatu ngo nibo baciye basatira umuduga barasa urudavagi rw’amasoro bakoresheje Mi-Karashi arizo mitralleuses kalashnikov mu gifaransa. Amasoko yacu avuga ko babiri muri bo barabana n’imodoka. Bakaba ngo barasa begenda bagana ku muduga. Uwa gatatu ngo niwe yahohosheje na pistore Riyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana amusanze mu muduga kuko ngo n’aho yari yashoboye kwugurura umuryango, Adolphe ntiyigeze ashobora gusohoka. Irindi soko ryacu rivuga ko, abonye amasasu ari urutavanako ku mpande zitandukanye, Adolphe yavuze ati “Baratwishe basha”. Uwitwa Jean Bosco Masabarakiza n’uwitwa Ciza bari kumwe na Adolphe Nshimirimana nabo nyene barishwe muri ico gitero.

Umureretsi

Amasoko yacu yemeza ko hari umusirikare yari ajejwe kurereka ko ata baza gutabara. Uwo musirikare ngo ntiyigeze asohora urusasu na rumwe kuko ata wigeze aza gutabara igihe haba ico gitero camaze umwanya muto.

Umushoferi

Hari uwundi musirikare yari ajejwe gutwara abo basirikare igikorwa giheze. Amasoko yacu avuga ko bahejeje kwica Adolphe Nshimirimana, uwo muduga waciye uza bawutarukiramwo baragenda. Abasivire ngo nibo baciye bakora akazi kabo ko kuzimanganya uwo muduga.

Amasoko yacu amenyesha kandi ko n’i Gitega hari uwundi mugwi w’abasirikare wari urindiriye Riyetena Jenerari Adolphe Nshimirimana iyo bishika akarokoka muri uwo mutego w’i Bujumbura.

Soma n’iyi Ubwicanyi bwo muri Kigarama mu 2015 : Burya Abarundi bari bakwiye kuguma bahanze amaso cane Sentare y’i Rahe?

Imyaka indwi inyuma y’ubwo bwicanyi, ku wa 2 Myandagaro 2022, mw’ijambo ryiwe imbere y’abagumyabanga bari bakoraniye kuri Nyabagere Conference Center, umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD yavuze ko kubona Adolphe Nshimirimana yarakoraniwe n’abantu benshi kugira bamukuremwo umwuka bisigura ko yari akaze. Révérien Ndikuriyo asa kandi nk’uwavuze ko n’abazungu bagize uruhara rudasanzwe mw’igandagurwa rya Adolphe Nshimirimana: “None nk’umuzungu yaje kumbaza mu biro ngo mbega ubu ko Jenerari Nshimirimana avuyemwo ni nde atwara imbonerakure? Twarakubititse kweri, basha. Jewe ndabaza none Jenerari niwe atwara imbonerakure? None mwebwe ko muri abazungu mufise ama services de renseignement (inzego z’iperereza) akomeye kw’isi, mwari muzi ko Jenerari atwara imbonerakure? We ntubona ko na mwebwe mugeze ahatemba, mutakimenya ukuri? Jewe navuze uko nyene. None ari mu biro i wanje yovuga ngo sivyo? Uko nyene. Muga(bo) uca ubona y’uko ikintu kibaye ngaha, si ngaha. Kiba ari shene ndende.”

N’iyi ntibacike Burundi : Ishingwa ry’imbibe nshasha z’intara rinyegeje inyungu zo mu matora?

Ku wa 3 Myandagaro mu 2015, umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yaravuze ijambo ryo guhumuriza aho yahaye inzego z’umutekano imisi 7 kugira zibe “zamenye, zafashe kandi zashize imbere y’ubutungane ababisha” bagandaguye Jenerari Adolphe Nshimirimana. Ifatwa ry’agasakisaki ry’abahoze mu gisirikare ca kera, ex-FAB, niryo ryakwirikiye. Ubwicanyi ndengerabutungane nabwo nyene bwarahabaye. Ku wa 13 Kigarama mu 2016, umuporisi Rénovat Nimubona, yari apfungiwe i Gitega, yaragandaguwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD ku bw’amasoko yacu n’aho igiporisi c’Uburundi coco casiguye ibindi.

One thought on “Burundi : Ni nde yishe Jenerari Adolphe Nshimirimana?”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *