Ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama mu 2015, bamwe mu banyagihugu b’i Bujumbura baciye mu bihe bikomeye cane. Amasasu yarasiranye, bamwe mu bigeme n’abakenyezi barashurashuzwa ku nguvu, ibiziga navyo vyari birambaraye mu mazu amwe amwe hamwe no mu mabarabara y’igisagara. Ariko, kubera ko intwaro ihari yanse inzira y’ubutungane, imwe mu nzira za nyuma zari zisigaye ku Barundi kwari ukwitura Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha. Sentare, ariko, i ruhande y’ingorane isanzwe ifise, ikora yikwega ku bw’umwe mu bahinga. (Le Mandat)
Ku wa 7 Kigarama 2021, mw’ikoraniro rigira 20 ry’ibihugu vyasinye amasezerano y’i Roma ashinga Sentare CPI, uwurongoye ishirahamwe rikurikirana ivy’iyo sentare CB-CPI yasa n’uwubona ko ivy’ugukubita mu gahanga abakoze amabi vyatevye. Yasavye ko imitahe mpuzamakungu yosohoka. Umushingwamanza Lambert Nigarura yavuze ko imiryango y’abakorewe amabi yizeye ko buca amatohoza arangira hanyuma abakoze amabi bagahanwa kugira haranduranwe n’imizi ibihe vy’ukudahana vyagihe birisubiriza. Lambert Nigarura yasiguye ko amabi akomeye ahungabanya agateka ka zina muntu abandanya mu gihugu gushika ubu. Uwo aharanira agateka ka zina muntu ati “urubuga rwa poritike rurugaye, amashirahamwe yigenga yarafuswe, amaradiyo yigenga yaraturiwe n’ubwigenge bwo gutanga iciyumvira nta bugihari mu gihugu”.
Mu mabi atarahanwa mu Burundi harimwo ubwicanyi bwo ku wa 11 Kigarama 2015. Ubwo bwicanyi, Sentare Mpuzamakungu y’i La Haye, ibwita “kimwe mu bikorwa vyahitanye abantu benshi kuva ku wa 26 Ndamukiza 2015 cakozwe nk’inyishu ku bitero vyakozwe n’imigwi y’abantu bitwaje ibirwanisho itamenyekanye mu gitondo c’uwo musi nyene ku makambi ane ya gisirikare i Bujumbura no mu micungararo yaho”. Uwo musi, havuzwe abantu bari hagati y’150 n’200 bishwe ku bwa Sentare Mpuzamakungu imenyesha ko abantu barenga 1200 bishwe mu kiringo co kuva muri Ndamukiza mu 2015 gushika muri Ruheshi mu 2007.
Mu nama yayo yo ku wa 7 Kigarama, abari bayitavye baravuze ko iyo sentare ifise ibibazo bimwe bimwe nk’umwanya wo kwiga amadosiye uba munini, ukubura amafaranga akwiye yo gukoresha hamwe n’ingorane z’intwaro.
Uburundi ntiburi mu vyihutirwa
Iyo Sentare irafise ivyo yihutira muri kino gihe bihambaye kurusha dosiye y’Uburundi. Ivyo bivugwa n’umuhinga aho yongerako ati “uravye ingene ibintu vyahindutse mu Burundi mu gisata ca poritike ntivyoroshe gusohora imitahe ku bategetsi bakuru bakuru” inyuma y’ishirwaho ry’inzego nshasha muri Ruheshi mu 2020. Ariko, ku bw’uwo muhinga, abafise ibirego bari kubandanya babishikiriza amasentare mpuzamakungu barabe ko hari ico vyovamwo mu myaka irenga cumi iri imbere. Uwo muhinga ati “kugira ibirego washikirije sico kimwe no kuba utigeze witwara”.
Kuva intureka zitangura mu 2015, bamwe mu Barundi bashikiriza ingorane zabo babicishije mu nzira za poritike n’imigenderanire. Abandi bitura za sentare mpuzamakungu mu gihe hariho n’abandi bahisemwo gufata ibirwanisho.
Ku wa 10 Kigarama, igihe hatangwa ikiganiro ku bamenyeshamakuru ciswe “Conférence de Presse : Justice pour les Victimes des territoires de Fizi, Mwenga et Uvira en RDC” kijanye n’ugusaba ubutungane ku bantu bantu biciwe mu bice vya Fizi, Mwenga na Uvira muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo, umushingwamanza Bernard Maingain yaracishijemwo ikibazo c’Uburundi asigura ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI bishika igatirigana, ifise ingorane zayo, inyungu zayo, ingorane z’uburyo bw’amahera hamwe n’ingorane z’ukunyinyurana kw’ibihugu biyirimwo”. Uwo asanzwe ari mu baburanira abahuye n’amakuba yo mu Burundi yariko yishura uwabajije ko Abanyamurenge batokwitura ningoga Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha bakareka guta umwanya mu masentare yo mu gihugu arico Repuburika ya Demokarasi ya Kongo.