Burundi : Abasirikare bidogera impuzu nshasha zisērûka

Kuva kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 1 Mukakaro 2023, umwambaro w’igisirikare c’Uburundi warahindutse. Aho harimwo zirya mpuzu ziboneka hejuru hamwe n’udupira bashira munsi yazo. Izo mpuzu zambawe ubwa mbere n’abasirikare mu birori vy’ukwigina imyaka 61 irangiye Uburundi buronse intahe y’ukwikukira. Bamwe mu basirikare bidoga bavuga ko haguzwe impuzu zidakwije ibisabwa kuko uzimeshe rimwe gusa zica ziseruka. Mu kugura uwo mwambaro mushasha w’abasirikare, hoba hanyurujwe imiriyaridi zirenga 7 z’amarundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *