Kongo : RED-Tabara ngo barabesha ntisugerejwe

Mu gihe icegeranyo c’abahinga ba ONU kuri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo kivuga ko imigwi y’Abarundi ibiri ifise ibirindiro muri ico gihugu ariyo FNL na RED-Tabara yahisemwo guhungira mu bumanuko bwa Kivu y’Epfo kubera ko yari isugerejwe n’abasirikare b’Uburundi bafadikanije n’aba Kongo, umugwi witwaje ibirwanisho RED-Tabara umenyesha ko wagumye ku birindiro wamyemwo kandi ko witeguriye kwivuna abashobora kuwutera. Mw’itangazo wasohoye kuri uwu wa mbere, uwo mugwi usigura ko utasugerejwe na gato n’igisirikare c’Uburundi, ngo ahubwo ico gisirikare carahevye kurwana nawo kubera ko catakaje abasirikare benshi igihe batana mu mitwe mu ntambara zabahuje ubwanyuma.

Muri iryo tangazo nyene, umugwi RED-Tabara uributsa ko abo bahinga ba ONU banditse kandi ko “hari amasoko menshi yagumye avuga ko imigwi ya Twirwaneho na RED-Tabara yagize urunani, iyo migwi ibiri ngo ikaba isa n’uko yoba ishigikiwe n’Urwanda kandi ikaba ishobora kuba icuditse na M23”. RED-Tabara ikamenyesha ko ivyo vyayivuzweko ari ikinyoma cambaye ubusa kandi ko bitayiraba na gato.

Inkuru bijanye Abahinga ba ONU ngo abarwanyi ba FNL na RED-Tabara barasugerejwe muri Kongo

Umugwi witwaje ibirwanisho RED-Tabara ubwira abahinga ba ONU ko amasoko yabahaye amakuru ateye amakenga kandi ko bobikorerako muri kazoza kugira ngo ivyegeranyo vyabo vyizerwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *