Abarwanyi b’abarundi bari muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo barasubiye inyuma baja gushinga ibirindiro vyabo mu bumanuko bw’intara ya Kivu y’Epfo inyuma y’ugusatirwa n’abasirikare ba Reta y’Uburundi bari kumwe n’aba Reta ya Kongo ku bw’icegeranyo c’abahinga ba ONU. Abo bahinga ba ONU bajejwe kuraba ibibera muri Kongo bamenyesha ko, haheze amezi atari make, igisirikare c’Uburundi kiguma gitera abarwanyi ba FNL kubera ko vyabonetse ko umukuru w’urwego rwabo rwa gisirikare Aloys Nzabampema yari afitaniye imigenderanire n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ubu apfunzwe kuva mu kwezi kwa kane. (Le Mandat)
Mu cegeranyo co muri Kigarama mu mwaka uheze w’2022, umugwi w’abahinga ba ONU bajejwe Kongo wavuze ko inyuma y’ugutana mu mitwe igihe kirekire na RED-Tabara muri kahise muri Kivu y’Epfo, “ibitero vy’igisirikare c’Uburundi gifadikanije n’ica Kongo vyatandukiriye abarwanyi ba FNL kuva muri Nyakanga mu 2022”. Ku bw’abo bahinga, “amasoko menshi yavuze ko uguhindura abagirwako ibitero cane vyatewe n’uko uwurongoye igisirikare ca FNL Nzabampema yari afitaniye imigenderanire n’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni“.
Soma n’iyi Burundi : Ubwo “amasezerano” hagati ya Ndayishimiye na Bunyoni hari ico azovamwo ?
Mu cegeranyo cabo ca nyuma bashikirije mu nama y’umutekano ya ONU yo ku wa 19 Ruheshi 2023, abo bahinga bavuga ibijanye n’ukwiyongera kw’ubugenzi hagati y’imigwi yitwaje ibirwanisho y’Abarundi. “Igisirikare c’Uburundi cagumye kibandanya kija mu bumanuko bwa Kivu y’Epfo gikurikira RED-Tabara na FNL, ariko umugwi FNL niwo gusa watewe. Urunani rugizwe n’igisirikare c’Uburundi n’ica Kongo rwararwanye na FNL, hagati y’ukwezi kwa mbere n’ukwa gatatu uwu mwaka w’2023, muri segiteri Itombwe, mu gace ka Mwenga. Inyuma y’intambara zo mu mpera z’ukwezi kwa gatatu, abarwanyi ba FNL barongowe na Aloys Nzabampema baciye bimuka bagana mu bumanuko muri segiteri Lulenge hafi y’ibirindiro vya RED-Tabara.”
Soma n’iyi Burundi : Umushikiranganji Ndirakobuca yoba agira yihagire inzu y’uwahoze ari umuhuza ?
Ku bw’ico cegeranyo nyene, imigwi yitwaje ibirwanisho yabandanije igira inani canke amasezerano muri Kivu y’Epfo, mu ntumbero yo kurwanya urunani rugizwe n’igisirikare c’Uburundi FDNB n’ica Kongo FARDC, canke ikaja hamwe kugira ngo irwanye RED-Tabara canke Twirwaneho canke M23. “Kuva mu mpera za 2022, umugwi CNRD n’iyindi migwi y’aba Maï-Maï nka Maï-Maï Kapapa na Maï-Maï Kijangala, baragize amanama menshi kugira ngo bafashanye n’urunani rugizwe n’igisirikare c’Uburundi n’ica Kongo hamwe na Gumino mu kurwanya RED-Tabara. Muri rusangi, biboneka ko imigwi myinshi y’aba Maï-Maï yagiye ku ruhande rw’igisirikare c’Uburundi n’ica Kongo kubera ko itinya kuzimangana.”
Abahinga ba ONU kuri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo bamenyesha ko, ku ruhande rwayo, imigwi FNL na RED-Tabara yatsimbataje imigenderanire hagati yayo kubera ko yari isugerejwe aho mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo.