Dosiye y’abafatanywe amadorari : Abakozi 7 ba BRB bapfungiwe mw’Iperereza no mu Mpimba

Abakozi indwi b’Ibanki ya Repuburika y’Uburundi barapfunzwe bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Bamwe muri bo bafatanywe amadorari atari make mu mifuko mw’isakwa ryabereye ku kazi ku musi wa kabiri mu gatondo. N’aho Ibanki Nkuru y’Igihugu yaraye ivuze ko itazi ko hari abakozi bayo boba barafatanywe amadorari, twaramenye ko uwafatanywe menshi muri bo asanzwe aterera cane mu mugambwe CNDD-FDD. (Le Mandat)

Inyuma y’amakuru twashikirije ku musi wa gatatu, Ibanki Nkuru y’Igihugu yasohoye itangazo ku rubuga rwa Twitter rifise ijambo ry’umutwe rivuga riti “Kubeshuza”. Muri urwo rwandiko, ibanki BRB ivuga ko “ata mukozi wayo izi yoba yarafatanywe amahera ayo ariyo yose, apfunzwe canke yarengukijwe n’urwego na rumwe”.

N’aho BRB yasohoye iryo tangazo, amakuru twashikirije aremezwa n’abategetsi bamwe bamwe bo hejuru bo muri iyo banki nyene. Ayandi makuru twaronse ni uko umugumyabanga yitwa Didace ariwe yafatanywe amadorari 21000 mw’isakwa ryabaye ku musi wa kabiri mu gatondo imbere y’uko akazi gatangura mw’Ibanki ya Repuburika y’Uburundi mu gisagara ca Bujumbura. Gushika kuri uwu wa kane, Didace yari apfungiwe mu rwego rw’iperereza i Bujumbura. Ku bw’ayo makuru nyene, Didace, akomoka mu ntara ya Kirundo, ni umunywanyi wa CNDD-FDD aterera cane amafaranga menshi muri uwo mugambwe uri ku butegetsi. Mu gasho k’iperereza i Bujumbura, Didace apfunganywe n’abandi bakozi babiri b’Ibanki Nkuru y’Igihugu. Itororokanirizo ry’Amakuru Le Mandat ryamenye kandi ko, i ruhande y’abo batatu bapfungiwe mw’iperereza, abandi bakozi bane b’Ibanki Nkuru ya Repuburika barungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Abo bakozi b’Ibanki ya Repuburika y’Uburundi bose uko ari 7 bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.

Soma n’iyi Burundi : Umukozi wa Banki Nkuru y’Igihugu yapfunzwe afatanywe amadorari arenga 20000

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *