Muyinga : Ubwo umukenyezi, imbonerakure zatsindagiyemwo inshinge mu mahaha, azohava akira?

Nderetse Espérance yamenye ko hari inshinge mu mahaha inyuma yo kuja kwa muganga kwisuzumisha. Uwo mukenyezi w’imyaka yoba yababa 60 yari amaze indwi zibiri zirenga atonekara mu mbavu inyuma yo gukubitwa akongera akamburwa amafaranga n’imbonerakure zo ku mutumba Gitaramuka, zone Gasave, komine Buhinyuza mu ntara ya Muyinga iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi. Aho arwariye mu gisagara ca Bujumbura, uwo mukenyezi ntibaramukuramwo izo nshinge ariko amafaranga yo kwivuza ngo asa n’ayamuheranye. (Le Mandat)

Nderetse Espérance ubu amaze indwi yose arwariye mu bitaro vya gisirikare mu gisagara ca Bujumbura nk’uko ababanyi biwe bo ku mutumba Gitaramuka babivuga. Ayo makuru abandanya avuga ko, kubera ko amaze gukoresha amafaranga yoba arenga umuriyoni umwe harimwo ukugura imiti yo kuzibira inshinge ziri mu mahaha ntizibandanye zinjira, mu mafaranga yaterereje incuti n’abagenzi asigaranye make. Umuhungu wiwe yaje kumufasha avuye muri Tanzaniya nawe nyene ngo uburyo bwaramuheranye. Aho uwo mukenyezi arwariye ngo aguma aboroga kubera gutonekara mu mahaha aho yacumiswe inshinge zo kubarira zibiri. Rumwe ngo rwarinjiye mu rubavu rw’i buryo, urundi i bubamfu.

Batatu mu bikekwa barafashwe   

Kuri uwu wa mbere, abantu 3 bagirizwa kuboreza igufa no kwambura amafaranga umukenyezi Nderetse Espérance babajijwe mu giporisi c’inyamiramabi co muri komine Muyinga aho bapfungiwe kuva ku musi wa gatandatu bahejeje gufatwa. Ndaruruhire Abdoul asanzwe ari Nyumbakumi ku mutumba Gitaramuka niwe yagirizwa n’abanyagihugu hamwe n’abo bapfunganywe ko yagize uruhara runini mw’itotezwa ry’uwo mukenyezi. Uwo asanzwe ari imbonerakure ni nawe yagirizwa gutsindagiramwo inshinge mu mbavu Nderetse Espérance. Uwundi apfunzwe muri iyo dosiye ni Gabriel batazira Capati asanzwe yunguruza abantu akoresheje ipikipiki. Nawe nyene ni imbonerakure y’umugambwe CNDD-FDD. Uwa gatatu ni imbonerakure yitwa Isidore. Abanyagihugu bavuga ko, n’aho batarafatwa, umukuru w’imbonerakure ku mutumba Gitaramuka yitwa Hakizimana Dieudonné hamwe n’imbonerakure izwi kw’izina rya Nzutu nabo nyene bari mu basinzikarije ubuzima uwo mukenyezi.

Umukenyezi Nderetse yahohotewe mu mpera z’ukwa gatatu

Igenekerezo rya 26 Ntwarante 2023, isaha zibiri n’igice z’ijoro niho izo mbonerakure ngo zahendahenze Nderetse Espérance, zimujana kw’itongo ryiwe ngo ico araba. Abanyagihugu bavuga ko, hari haheze imisi, umukenyezi Nderetse Espérance yituye abarongoye umutumba Gitaramuka ababwira ko Ndaruruhire Abdoul yaciye ibiti mw’itongo ryiwe asanzwe amukoteye kandi batavyumvikanye. Ahashitse, uwo mukenyezi ngo yasanze izo mbonerakure zaranduye imirima, zica zimwagiriza ko ariwe yabikoze, zica zitangura kumukubita. Amaze kuba intere, izo mbonerakure, harimwo uwujejwe intwaro Ndaruruhire Abdoul, zaciye zimuca amafaranga ibihumbi 200 zise amande. Abanyagihugu bo mu gacimbiri Nkekema bavuga ko, kubera ko umupfakazi Nderetse Espérance atari afise ayo mafaranga, yaciye asaba uwumugurana ivyo bihumbi 200 mu babanyi aca amwemerera ko azomwungukira akamuriha ibihumbi 300 ahombesheje ingurube. “Mu kwishura iyo ngurane, bukeye ku wa 27 Ntwarante 2023, Nderetse Espérance yagurishije ingurube imwe yari atunze n’ibibuguru vyayo 12 hamwe na sola [plaque solaire].”

Ayo makuru y’ivyashikiye Nderetse Espérance aremezwa n’abajejwe intwaro ku mutumba Gitaramuka. Abanyagihugu bo mu gacimbiri Nkekema asanzwe abamwo bobo bashimira abajejwe intwaro ingene bavyifashemwo mu gufata bamwe mu bahohoteye uwo mukenyezi bakabashikiriza igiporisi.

Ariko aho arwariye, umupfakazi Nderetse Espérance ntazi ingene bigiye kubandanya kuko n’imiti bamwandikiye yo kugabanya ububabare mu mbavu no kuzibira inshinge mu mahaha ngo yibaza ko ata kinini izomufasha ata mafaranga afise yo gukuzamwo izo nshinge bamutsindagiye mu mahaha.

Soma n’iyi Mutanga Sud : Umwe mu “bacumise” Macungu yarekuwe atanze ibihumbi 500

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *