Mutanga Sud : Umwe mu “bacumise” Macungu yarekuwe atanze ibihumbi 500

Inyuma y’ukuza arafatwa yongera arekurwa, uwo batazira Museremu asa n’uwarekuwe burundu ku musi wa kabiri inyuma y’indwi zirenga zibiri yari amaze mu gasho k’igiporisi c’inyamiramabi muri karitiye JABE mu gisagara ca Bujumbura. “Museremu” yarekuwe atanze amafaranga ibihumbi amajana atanu. Ariko, abize amategeko bavuga ko ayo mafaranga ataco asigura muri dosiye nk’irya yahatswe guhitana ubuzima bw’uwo batazira Macungu. (Le Mandat)

Ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2023, niho Régis batazira Museremu yarekurwa inyuma y’indwi zirenga zibiri yari amaze apfungiwe mu gasho k’igiporisi c’inyamiramabi kw’i JABE. Ipfungwa ryiwe ryari ryagiyemwo impari nyinshi kuko yaguma avuga ko adategera igituma yafashwe wenyene kandi, mu gusogota imbugita umushoferi wa tagisi Nsengiyumva André batazira Macungu, yari kumwe n’abandi babigizemwo uruhara runini na cane cane uwari amurongoye ico gihe mu mbonerakure muri karitiye Mutanga Sud Ernest Barakamfitiye. Itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ryaramenye ko, imbere yo kumurekura, “Museremu” yatanze amafaranga 500000 y’amarundi. Bikaba bivugwa ko yasabwe gutanga ayandi mu misi iza. Ayo makuru nyene amenyesha ko ayo mafaranga azohabwa Nsengiyumva André batazira Macungu kugira ngo ayakoreshe mu kwivuza.

Ivyakozwe, amategeko ntavyemera

Umwe mu bize amategeko avuga ko amategeko mpanavyaha yarenzwe ku mvo zo gukingira uwakoze icaha canke uwo bagikoranye canke uwamukingiye ikibaba. “Ayo mafaranga nta nsiguro afise kuko, ubwa mbere na mbere, uwakorewe icaha ntashobora kuja kubwira ubutungane ngo ndabihevye kuko si nawe yabwituye.” Uwo yize ivy’amategeko abandanya avuga ko inyamiramabi ata burenganzira ifise bwo gusabira indishi y’akababaro uwakorewe amabi canke ingwati. Ibijanye n’ingwati ngo na parake iyisaba yisunze ibitegekanywa n’amategeko kuko ata bubasha ifise bwo kuyishingira. Ayo mafaranga kandi ngo ntashobora kwitwa amande bita “amende transactionnelle” kubera uburemere bw’icaha. Ku bw’iyo nzobere mu vy’amategeko, iyo dosiye iraremereye cane kuko ishobora kwitwa “kugerageza kugandagura” ivyo bita tentative de meurtre ou d’assassinat canke igafatwa nko “gukubita umuntu ukamukomeretsa cane” ivyo bita coups et blessures graves. “Uko ico caha cofatwa kwose, nta vy’uguhoyahoya canke ukwumvikanisha impande zibiri bishoboka kuko ubutungane bwokwagirizwa gukinira ku buzima bw’abanyagihugu”.

Inkuru bijanye Mutanga Sud : Ubwo umushoferi yacumiswe n’abajejwe intwaro azohava arokoka?

Muri kino gihe, Nsengiyumva André batazira Macungu yivuza ataha muhira inyuma y’imisi itari mike yamaze arwariye mu bitaro Prince Régent Charles.

Abagirizwa gusinzikariza ubuzima no gusogota umushoferi wa tagisi Nsengiyumva André batazira Macungu ni 3. Ernest Barakamfitiye agira 5 mu barongoye karitiye ya Mutanga Sud. Kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2023, Ernest Barakamfitiye yatowe ngo arongore imbonerakure zo muri zone ya Rohero yose. Imbere yaho, yari asanzwe arongoye imbonerakure zo muri karitiye ya Mutanga Sud. Uwa kabiri mu bagirizwa gucumita no gukubita Macungu ni Régis batazira Museremu aheruka kurekurwa. Niwe nyene akabare Macungu yakubitiwemwo yongera acumitirwamwo imbugita. Bamwita Nyumbakumi kuko asanzwe ajejwe kurongora agace kamwe ka segiteri Mugoboka ya 2. Niwe arongoye n’urwaruka rwa CNDD-FDD bita imbonerakure muri Mugoboka ya 2. Uwa gatatu yagirizwa gukubagura no gucumita imbugita umunyagihugu Macungu ni uwitwa Daniel. Ni imbonerakure isanzwe y’aho muri karitiye Mutanga Sud.

Bamwe mu banyagihugu basaba ko abo bose uko ari 3 bakubitwa intahe mu gahanga, Reta y’Uburundi nayo ikavuza umunyagihugu Nsengiyumva André batazira Macungu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *