Burundi : Umushikiranganji wa mbere yirukanye abamucungera imbere y’ugufata indege imujana muri Gabon

Haraheze amezi arenga atatu, Gervais Ndirakobuca yagiriza abamucungerera umutekano kuborerwa no gushurashura. Ku wa 1 Ntwarante, imbere yo kuja mu gihugu ca Gabon mu nama ijanye n’amashamba, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yafashe ingingo y’uko abarenga 70% mu baporisi n’abasirikare bahora bamucungerera ubuzima bavamwo. (Le Mandat) 

Abacungera umushikiranganji wa mbere ni abasirikare n’abaporisi bakurakuranwa kandi bari mu migwi 3 ku bw’amasoko yacu. Umugwi wa mbere urimwo 36 baguma muhira iwe muri karitiye Mutanga Sud. Umugwi ugira kabiri ugizwe na 36 nyene bamuherekeza mu ngendo agira mu gihugu. Hariho kandi 24 basubirira abandi. Benshi muri abo basirikare n’abaporisi bavuka mu Cibitoke, intara umushikiranganji wa mbere avamwo. Abava mu ntara ya Karuzi nibo kwirikira ku bwinshi. Muri abo bacungera Gervais Ndirakobuca, basanzwe bababa ijana, harimwo n’abava mu ntara za Gitega, Muramvya, Mwaro na Makamba. Umwe mu masoko yacu yatubwiye ati :”Umushikiranganji wa mbere yategetse ko abasirikare n’abaporisi 70 bakurwa ku kirindiro bagasubizwa mu makambi baje bavamwo.” Amasoko yacu amenyesha ko Gervais Ndirakobuca yafashe iyo ngingo imbere yo kwurira indege imujana muri Gabon ku musi wa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarante.

Igihe yaja muri iyo nama yiswe One Forest Summit, Gervais Ndirakobuca yari aherekejwe n’intwazangabo zine zo mu giporisi na gisirikare ku bw’amakuru yo kwizera twahawe n’umusirikare w’intwazangabo. Ku bwiwe, bari bafise igikorwa co kuja mu Burusiya kurondera ibirwanisho.

Ibirwanisho vyo mu ntambara zo muri Nord-Kivu

Ku bw’amakuru yo kwizera, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye niwe yahaye ico gikorwa co gutumako ibirwanisho mu Burusiya ubushikiranganji bwa mbere. Ivyo birwanisho ngo bizokoreshwa mu kurwanya M23 muri Kivu yo mu buraruko.

Umusirikare w’intwazangabo wo mu gisirikare c’Uburundi yatubwiye ko Uburundi bwipfuza ko intureka zitandukira ahandi zikarenga n’imbibe za Repuburika ya Demokarasi ya Kongo inyuma y’ukuronka ivyo birwanisho bizoba bivuye mu Burusiya.

Amasoko yacu i Moscou aremeza ko izo ntwazangabo 4 zagiye muri uwo murwa mukuru w’Uburusiya. Ayandi masoko akatumenyesha ko ubu bamaze kugaruka i Bujumbura. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, wewe, akaba yatashe imbere yabo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 4 Ntwarante 2023. Abamucungera bari bahinduwe.

Inkuru bijanye Burundi : Umushikiranganji wa mbere yarekuye imishahara y’abamucengerera ubuzima inyuma y’imyidogo y’amezi arenga ibiri

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *