Abasirikare n’abaporisi bacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere bari bamaze amezi arenga abiri badahembwa. Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca ngo yari yabasiguriye ko yabahoye kwigenza nabi. Mu ndwi iheze, abo basirikare n’abaporisi bahawe ibirarane vy’amezi abiri. (Le Mandat)
Imishahara y’amezi abiri batanguye kuyitora ku musi wa gatatu w’indwi iheze nk’uko bamwe muri abo basirikare n’abaporisi babivuga. Umwe muri bo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ati “Amafaranga yashitse kuri konte ku wa mbere ku mugoroba ariko twayatoye ku wa gatatu.” Ibijanye na za nyama zo mu magopo zari zimaze igihe zitangwa isorosoro ubu baronkera rimwe iz’ukwezi nk’uko vyari bimeze umushikiranganji wa mbere atarazibira imishahara yabo. Ivyo bisigurwa n’umwe mu bajejwe umutekano w’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca : “Ubu baduhera rimwe vya bigopo 8 ku kwezi nk’uko vyari bimeze kera. Mbere ubu barongeyeko n’ifi.”
Soma iyi nkuru bijanye Burundi : Abacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?
Ayandi makuru twaronse ni uko, bamaze guhembwa, bamwe muri abo basirikare n’abaporisi baciye bafata akaruhuko, baja kuraba imiryango yabo mu ntara zitandukanye. Ariko gushika ubu, abo basirikare n’abaporisi bakaba batarekuriwe kuja kure y’ibariyeri iri ku metero amajana atatu y’inzu y’umushikiranganji wa mbere kiretse bikenewe.
Bamwe muri abo basirikare n’abaporisi bacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika bavuga ko bizeye ko ibijanye n’imishahara yabo bigiye gusubira gutunganywa cokimwe n’abandi bajejwe umutekano mu gihugu nk’uko vyahora imbere y’ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze w’2022 bataragirizwa kuborerwa n’ugushurashura mu micungararo y’ibarabara “Siguvyaye” muri karitiye Mutanga Sud iri muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura.