Kwubaka Stade Intwari : Abanywanyi ba CNDD-FDD biyamiriza intererano y’isima

Buri nama shingiro y’umugambwe CNDD-FDD yategetswe gutanga imifuko 2 y’isima bitarenze ku musi wa kabiri. Bamwe mu banywanyi b’uwo mugambwe uri ku butegetsi babona ko ataho bazokura amafaranga yo guterera. (Le Mandat)

Bamwe mu bagumyabanga babona ko ababarongoye bariko babatuma amananiza. Abarongoye umugambwe CNDD-FDD bakaba basavye buri nama shingiro mu gihugu cose gutanga imifuko ibiri y’isima yo kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru citiriwe Intwari. Mu gisagara ca Bujumbura, inama shingiro usanga igizwe n’amabarabara abiri canke ane bivanye n’ingene karitiye iba yubatswe. Umwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat ati : “Nka jewe uwurongoye umugambwe aha muri karitiye yansavye ibihumbi bitanu vy’intererano. Ariko ndavye ubukene mfise, ayo mafaranga sinzoyaronka. Nta kazi mfise.” Uwo mugumyabanga avuga ko hariho abasabwa ibihumbi bibiri, ibihumbi cumi canke ayarenga bivanye n’ubushobozi bwabo. “Maze imisi nja mu bikorwa rusangi vyo kwubaka iyo stade nyene kugira ndabe ko umugambwe uzonyibuka ukampa akazi ariko narahebuye.”

Umwe mu banywanyi ba CNDD-FDD barongoye abandi wewe yatubwiye ko vyanka vyakunda ayo mafaranga yo kugura imifuko ibiri muri buri nama shingiro ategerezwa kuboneka kuko ari “itegeko ryavuye hejuru”. Mu gihe bariko bashinga inzego nshasha zitahoraho z’uwo mugambwe mu mazone yose yo mu gihugu cose kuri uwu wa gatandatu, abagumyabanga bakaba babwiwe ko iyo ntererano bategerezwa kuyitanga bitarenze ku musi wa kabiri igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2023. “Sintegera igituma badusaba ayo mafaranga kandi twirirwa turariha amakori n’amatagisi. Kubera iki batoyakura mu kigega ca Reta ko na stade ari iy’igihugu?” Ivyo vyavuzwe n’umugumyabanga wo ku rwego rw’imwe mu makomine agize igisagara ca Bujumbura.

Uharuye ku giciro kizwi n’amategeko c’28500 ku mufuko w’ibiro 50 w’isima ya BUCECO, inama shingiro itegerezwa guterera amafaranga 57000. Mu gisagara ca Bujumbura, abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD babwirwa n’ababarongoye ko ayo mafaranga canke isima bizofasha no kwubaka ingoro y’uwo mugambwe kuri uwo murwa mukuru w’ubutunzi. N.G aba mu gisagara ca Bujumbura akaba yatubwiye ko afise ubwoba bw’ibishobora kumushikira hamwe yobura amafaranga 2000 yasabwe guterera.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo, asanzwe arongoye ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga cahoze citirirwa umuganwa Rudoviko Rwagasore, amenyesha ko mu kwezi kwa gatanu ico kibuga mpuzamakungu kizoba cuguruwe icese.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *