Burundi : Abacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca ntibahembwe?

Bavuga ko batahimbaje imisi mikuru irangiza umwaka w’2022 nk’uko vyahora. Abasirikare n’abaporisi bacungera umushikiranganji wa mbere mu Burundi basigura ko batahembwe ku mwisho w’ukwezi kwa 12. Amakuru ikinyamakuru Le Mandat gikura ku rugo rwa Gervais Ndirakobuca avuga ko abo bamucungera bagirijwe kuborerwa no gushurashura. (Le Mandat)

Abacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika ni abasirikare hamwe n’abaporisi bacungera inzego bo mu rwego bita API. Bahembwe ngo benshi muri bo baca baja kunywa inzoga inyuma y’ibariyeri iri ku metero nk’amajana atatu uvuye ku nzu umushikiranganji wa mbere abamwo muri karitiye Mutanga Sud, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Abandi ngo baca baja gushurashura mu micungararo yaho kw’ibarabara ryitiriwe Siguvyaye. Ivyo nivyo umushikiranganji wa mbere yahoye abamucungera boba barenga mirongo itanu mu kuzibira ntibahembwe mu kwezi kwa Kigarama ku bw’amakuru yatanzwe na bamwe muri bo. Bamwe muri abo bacungera umutekano wa Gervais Ndirakobuca bavuga ko babonye ukwezi kw’icumi na kabiri mu 2022 guheze badahembwe, ukwa mbere kw’umwaka w’2023 kuratangura, haca hatangura imyidogo na rirya ata na kimwe ngo bigeze bamenyeshwa.

Bamenye ko “bahanywe” inyuma y’umwiherero?

I ruhande y’ukubura umushahara, bamwe muri abo basirikare n’abaporisi bavuga ko babonye izindi mpinduka igihe umushikiranganji wa mbere yava mu mwiherero wa Reta y’Uburundi wabaye ku musi kabiri n’uwa gatatu mu Kayanza, intara iri mu buraruko bw’igihugu. Ku musi wa kane rero, umushikiranganji wa mbere ngo yatanze itegeko ko ikirindiro cari kw’ibariyeri ku metero nk’amajana atatu uvuye aho aba cimukira i ruhande y’inzu abamwo. Kw’ibariyeri hasanzwe hari na konteneri abo bamucungera bahora bararamwo, ubu haguma igitigiri gito c’abo basirikare n’abaporisi. “Ubu tumeze nk’abapfunzwe kuko ata wemerewe kurenga ibariyeri. No mu kuja kurondera agacupa uriyiba kuko ntuba uzi uwugucungishije ijisho mu bo mukorana.” Ivyo bivugwa n’umwe mu bacungera umushikiranganji wa mbere aho yongerako ati “Kubera ko ubwogero buri hariya kuri konteneri, usanga umuporisi canke umusirikare avuye aho twimukiye ku nzu y’umushikiranganji, akagenda mw’ibarabara akenyeye agaswime gusa gushika hariya twogera. Birateye isoni na rirya hirya no hino hariho iyindi mihana y’abantu.”

Inama yo ku musi wa gatanu

Abo bacungera umutekano w’umushikiranganji wa mbere bavuga ko yabakoranije ku musi wa gatanu, ababwira amakosa yabo ajanye cane cane n’ukuborerwa no gushurashura iyo baronse amafaranga. Uwundi mu bacungera Gervais Ndirakobuca ati “Yaradukariye cane uwo musi. Ni naho twamenyeye ko ariwe yahagaritse umushahara wacu wo mu kwezi kw’icumi na kabiri. Yatubwiye ko ivy’uwo mushahara twoba turarindiriye ngo amanyama abanze ahere.” Bamwe mu bacungera umutekano wa Gervais Ndirakobuca bavuga kandi ko inyama zo mu magopo, bita corned-beef, bahora baherwa rimwe mu kwezi ubu babahinduriye. Amakuru ava ku rugo kwa Gervais Ndirakobuca avuga ko nk’ibijanye n’izo nyama zo mu magopo bongereza ku mfungurwa, usanga kenshi zigizwe n’umuceri n’ibiharage, batikizibahera rimwe kubera ko bagirizwa kuzigurisha. “Kare bahora baduhera rimwe amagopo 8 ya kornebef [corned-beef] mu kwezi ariko ubu baguha igopo imwe iyo uyisavye gushika aho uzokwiza kornebef 8 mu kwezi.”

Soma n’iyi Ni nde “yivye urukombamazi” mu nama nshingamateka y’Uburundi?

Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika yakoresheje amajambo y’iterabwoba igihe umenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru Le Mandat yamurondera kuri terefone yiwe ngendanwa kuri uwu wa mbere. Général Gervais Ndirakobuca yabwiye umumenyeshamakuru wa “Le Mandat” ko ariko “aja ahanyerera” igihe yamubaza ibijanye n’imyidogo y’abamucungera bamwagiriza kubima imishahara abanje no kumwidondora.

“Mwana wa mama, ukorera i Burundi?”

Le Mandat : Dukorera ku muhora ngurukanabumenyi.

Gervais Ndirakobuca : Mwana wa mama … ugira uje ku gataka kanyerera. Ayo makuru uriko urarondera, ugira uje ku gataka kanyerera kabisa.

Le Mandat : None ivyo bavuze sivyo?

Gervais Ndirakobuca : None ga sha ko uriko ugenda nabi ga mwana wa mama!

Le Mandat : Kubera iki?

Gervais Ndirakobuca : Bagutumye ngo ubabarize?

Le Mandat : Oya. Twaronse amakuru hanyuma rero ubu ndiko ndayakorerako.

Gervais Ndirakobuca : Aho uwabigutumye kumubariza uraza kumutanga izina?

Le Mandat : Oya.

Gervais Ndirakobuca : Utamutanze izina ni wewe uca uhasigara.

Le Mandat : Oya. Mwumva bishoboka ko ndabavuga amazina? Abaduhaye amakuru batwizeye.

Gervais Ndirakobuca : Ntibishoboka? Iyo nzira uriko ntishika mwana wa mama, uraraba neza. Nibaza ko n’aho wabirondereye atariho. Jewe abo bantu ntabo ntwara. Jewe ndabatwara?

Le Mandat : Bavuga ko ari mwebwe mwahagaritse imishahara yabo.

Gervais Ndirakobuca : Mwana wa mama … Wewe urazi ingene inzego za Reta zikora?

Le Mandat : Ego.

Gervais Ndirakobuca : Ni waba ubizi none ivyo umushikiranganji wa mbere ahuriye he navyo? Ni umushikiranganji w’igisirikare canke umushikiranganji w’igiporisi?

Le Mandat : None mwarinze mubagiriza amakosa, ninde aca atanga raporo?

Gervais Ndirakobuca : Noneho n’ubushikiranganji bw’igisirikare n’igiporisi sibwo bubahemba. Barafise services zibahemba. Abacungera umutekano wanje ngo nije ndabatwara? Barafise ababatwara.

Le Mandat : Boba barahembwe none mu mpera z’ukwezi kwa 12?

Gervais Ndirakobuca : Ivy’uko bahembwe jewe ntavyo nomenya kuko sije ndabahemba. Wewe wumva nobimenya gute ga mugabo? Wumva jewe ivyo nobimenya gute? Biri mu kazi k’iwanje?

Le Mandat : Bavuga ko mwanabagirishije inama ku musi wa gatanu mubasigurira igituma batahembwe.

Gervais Ndirakobuca : Jewe?

Le Mandat : Ego.

Gervais Ndirakobuca : Ivyo sivyo mwana wa mama. Reka gukorera ku bihuha. Kandi wewe nibaza ko utari i Burundi, nibaza ko uri i Kigali.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca yaciye aducirako umurongo wa terefone.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *